Uko wahagera

Amatora muri Amerika 2020

update

Joe Biden Yiyemeje Gushira Hamwe Igihugu Cacitsemwo Ibice

Perezida yatowe Joe Biden, ariko ashikiriza ijambo abanyamerika inyuma y'aho Intumwa z'Abahagarariye abatoye zemeje intinzi yiwe.
Perezida yatowe Joe Biden, ariko ashikiriza ijambo abanyamerika inyuma y'aho Intumwa z'Abahagarariye abatoye zemeje intinzi yiwe.

Perezida yatowe Joe Biden yabwiye abanyamerika ko demokarasi yatsinze. Ni inyuma y’aho intumwa z’abahagarariye abatoye mu gihugu cose, Electoral College mu congereza, batoreye bakemeza intsinzi yiwe mu matora yo mu kwezi guheze.

Mw’ijambo yashikirije ari mu rugo iwe mu gisagara ca Wilmington, muri reta ya Delaware, Biden yemeye ko azorongora abanyamerika mu kurengana imisukosuko ihitiye y’amatora hamwe no kwanka kwa Perezida Donald Trump kwemera ivyavuye mu matora.

Biden yagize ati, "Igiteragira mu mitima y’abanyamerika ni demokarasi.” Biden ariko yitegurira gushikira ubutegetsi kw’italiki ya 20 ukwezi kwa mbere. Yemeye ko azoba perezida w’abanyamerika bose, ko azokorera abamutoye n’abatamutoye.

Ijambo ryiwe ry’ubumwe risa n’iritazogira ico rihinduye ku ruhande rw’abarepublikani. Abategetsi bakuru muri uyo mugambwe bamye badahengeshanya gushigikira Trump mu vyo avuga ko amatora yabayemwo ubusuma, ndetse n’igihe Biden azoshikira ubutegetsi, basa nuko batiteguye kumukorera imigirwa imenyerewe guhabwa perezida mushasha.

Biden ashobora kuzonanizwa kandi na sena yiciyemwo ibice. Mu kwezi kuza amatora azoba muri reta ya Georgia ni yo azogaragaza umugambwe uzogenzura sena. Inama nshingamateka izobandanya igenzurwa n’abademokrate ariko naho baratakaje intebe mu matora aherutse.

update

Intumwa z'Abahagarariye Abatoye Bemeje Intsinzi ya Joe Biden

Buramatari wa reta ya Iowa, Kim Reynolds iburyo, n'umunyamabanga mukuru w'iyo reta Paul Pate, ibubamfu baharura amajwi y'intumwa zihagarariye abatoye, kw'italiki 14/12/2020 i Des Moines, Iowa.
Buramatari wa reta ya Iowa, Kim Reynolds iburyo, n'umunyamabanga mukuru w'iyo reta Paul Pate, ibubamfu baharura amajwi y'intumwa zihagarariye abatoye, kw'italiki 14/12/2020 i Des Moines, Iowa.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, itora ryahuje intumwa z’abahagarariye abatoye, zitwa Electoral College canke College Electoral mu gifaransa, zatoye zemeza ko Joe Biden yatsinze amatora, ku majwi arenga 270 asabwa kugira uwahiganwe atahukane intsinzi.

Mu gihe reta ya California ifise imtumwa 55 zihagarariye abatoye muri iyo reta, ziri mu batoye kuri uyu wa mbere, Biden yaronse amajwi 306 kuri 232 ya Trump, arenga kuyasabwa mu gutsindira perezidansi.

Reta ya Hawaii yitezwe nayo gutora Biden yifashishije intumwa zayo zine.

Biden ni umudemokrate amaze hafi imyaka 50 ku rubuga rwa politike muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, kandi itsinda ryiwe ritumye umurepublikane Trump, aba perezida wa gatanu vyanse ko yiyongeza manda ya kabiri muri White House mu myaka 244 ya kahise k’Amerika.

Itora rya Koleji y’itora, canke Electoral College mu congereza ni umugenzo wama ukoreshwa mu matora yo muri Amerika uko imyaka ine iheze. Ariko kuva haba amatora kw’italiki ya 3 ukwezi kwa cumi na kumwe, Trump ntahengeshanya kwemeza, ata vyemeza yerekanye, ko amatora yabayemwo ubusuma mu mareta akiranirwa kubwo kugira intumwa z’abahagarariye abatoye nyinshi.

Trump hamwe n’abo bafatanije batsinzwe imanza zirenga 50 bashingishije muri ayo mareta.

Vyitezwe ko Biden ashikiriza ijambo abanyamerika mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere igihe itora ryose rirangira.

update

Perezida Trump Yiyemeje Kubandanya Urugamba rw'Amatora

Perezida Donald Trump muri White House
Perezida Donald Trump muri White House

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yavuze kuri uyu wa gatatu ko agiye kubandanya urugamba rwo guhindura intsinzi ya perezida yatowe Joe Biden mu matora yabaye mu kwezi guheze mu gushingisha urundi rubanza.

Ni inyuma yaho sentare ntahinyuzwa y’Amerika iteshereje agaciro urubanza yitwaye ku vyavuye mu matora muri reta ya Pennsylvania.

Izi manza zikurikiye izindi nk’izi zitari nke Trump hamwe n’umugwi wamufashije kwiyamamaza batsinzwe mu twigoro twiwe two gushaka gutwara iyindi manda y’imyaka ine.

Urwo rugamba rwo kwitwara mu butungane rubandanya mu gihe intumwa z’abanyagihugu mu gihugu, College Electoral, ari nazo zemeza uwatsinze amatora y’umukuru w’igihugu, zitegekanya gutora kuri uyu wa mbare. Kandi basa nuko bazokwemeza Biden ku majwi 306 ku 232 ya Trump.

Inama nshingamateka igetekanya gusubiramwo no kwemeza ibizokwemezwa n’intumwa z’abanyagihugu kw’itariki ya 6 ukwezi kwa mbere. Biden azoca yimikwa inyuma y’indwi zibiri, n’ukuvuga kw’isaha zitandatu kw’italiki ya 20 z’ukwezi kwa mbere 2021.

update

USA: Umushikiranganji w'Ubutungane Avuga ko Amatora Atabayemwo Ubusuma

 William Barr ni umushikiranganji w'ubutungane
William Barr ni umushikiranganji w'ubutungane

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe ubutungane, William Barr kuri uyu wa kabiri yavuze ko ubushikiranganji arongoye ata vyemeza bwabonye vy’iyibwa ry’amajwi mu matora y’umukuru w’igihugu ahitiye. Yavuze kandi ko atabona icoza gihindura ivyavuye muri ayo matora.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru The Associated Press co muri Amerika, Barr yavuze ko abashikirizamanza muri Amerika hamwe n’abakozi b’ibiro vy’inyamiramabi vya FBI bakoranye ubwitonzi mu gutohoza ku birego n’amakuru bahawe, ariko ngo nta cemeza babonye gishobora guhindura ivyavuye mu matora. Barr abivuze mu gihe Perezida Donald Trump adahengeshanya kuvuga ko yibwe amajwi, kandi ko atemera ko yatsinzwe na Joe Biden.

Umushikiranganji William Barr avuze ibi mu gihe yamye ari umwe mu bahoze banegurwa ko akingira Trump. Imbere y’amatora, yama avuga ko uburyo bwo gutora hakoreshejwe za posita bishobora kuzovamwo ubusuma.

Mu kwezi guheze William Barr yategetse abashikirizamanza muri Amerika gukurikiranira hafi ibirego vyose vy’utunenge twokwibonekeza mu matora.

Trump ntiyahengeshanije kwandika ubutumwa yifashishije Twitter ko amatora yibwe, ariko reta yiwe bwite yo yavuze ko amatora yo mu 2020 ari yo yari acungerewe kurusha ayandi. inyuma yo kudondozwa, Trump aherutse kwemerera reta yiwe gutangura ibikorwa bigana ku kuzobisikanya ku butegetsi ariko gushika ubu ntaremera ko yatsinzwe.

update

Ibikorwa vya Biden Bigana ku Butegetsi Vyatanguye Icese

Perezida yatowe Joe Biden, i Wilmington, Delaware.
Perezida yatowe Joe Biden, i Wilmington, Delaware.

Ibikorwa vy’imfatakibanza vy’uwatowe kuba perezida w’Amerika, Joe Biden bigana ku butegetsi bw’i Washington vyatanguye ukuri kwamye. Ni inyuma y’aho ikigo GSA ca reta y’Amerika gishinzwe ibikorwa rusangi, birimwo abakozi, inyubako n’ibikoresho gitangaje ko asa n’uwatsinze amatora ya perezida yo mu 2020. Ariko Perezida Donald Trump abandanya urugamba rwiwe rwo kurondera ko intsinzi yomuhindukirira.

Umugwi wa Biden w’abahanuzi waciye utangura bidatevye kuwa mbere mw’ijoro gushikira abategetsi batandukanye muri reta ya Trump kugira bamenye ibishobora kubangamira umutekano w’igihugu, hamwe n’ibindi bibazo vyihuta Biden azohura navyo igihe azorahirira amabanga ya perezida mu kwezi kwa mbere itariki 20.

Iyi ngingo y’ikigo GSA yemerera Biden gushikira uburyo bw’amafaranga akeneye mu bikorwa vyiwe vy’imfatakibanza. Yemererwa kandi guhabwa amakuru ajejwe umutekano ndetse n’abategetsi biwe bakabasha guhabwa uburenganzira bwo kuja mu nyubakwa za reta.

Ntibiramenyekana igihe Biden ashobora kubwirwa ubwa mbere mu ncamake ingene umutekano w’igihugu wifashe nka perezida yatowe.

Icihutirwa kandi gihangayikishije Biden ni ukurwana n’iyongerekana ry’umugera wa corona muri Amerika. Abategetsi ba Biden bakeneye amakuru y’ikirangamisi co kwemeza incanco zitatu za COVID-19 mu ndwi ziri imbere. Ikindi bakeneye ni igihe abanyamerika bazotangura gucandarwa imbere y’uko umwaka urangira no kwongereza ico kiringo gushika mu 2021.

Ni mu gihe amatohoza amaze gukorwa yerekana ko abanyamerika 4 kw’icumi bafise amakenga yo gucandarwa canke bahisemwo kutazokwicandagisha. Ibi bishobora kuzogorana kurwanya uwo mugera.

update

Ikigo GSA Cemeye ko Biden Asa n'Uwatsinze Ciyemeza no Kumufasha

Perezida Yatowe Joe Biden mu nama n'abakuru b'ibisagara i Wilmington, Delaware, kw'italiki ya 11/23/2020.
Perezida Yatowe Joe Biden mu nama n'abakuru b'ibisagara i Wilmington, Delaware, kw'italiki ya 11/23/2020.

Ikigo GSA ca reta y’Amerika gishinzwe ibikorwa rusangi, birimwo abakozi, inyubako n’ibikoresho cavuze ko uwatowe kuba perezida, Joe Biden asa n’uwatsinze amatora. Perezida Donald Trump, yari yarahakanye kwemera ko yatsinzwe amatora, yavuze kuri uyu wa mbere ko yategetse umugwi wiwe gufasha mu kiringo kigana kw’ihererekanya ry’ubutegetsi ariko yasubiye kuvuga ko abandanya urugamba.

Iyi ngingo ivuga ko reta ya Trump ica itangura gufasha no kwemerera Biden gutangura no gukorana n’ibigo vya reta ibikorwa bigana ku guhererekanya ubutegetsi bitegekanijwe mu kwezi kwa mbere itariki ya 20. Umwe mu bategetsi yavuze ko umutegetsi arongoye ikigo GSA, Emily Murphy yafashe iyo ngingo inyuma y’aho utwigoro Trump yarimwo two kuraba ko ibiharuro vyomuhindukirira bimutwaye kuwamazi, inyuma y’aho amareta yarimwo aburanamwo atariko arayaronkamwo umusaruro.

Uwatorewe kuba perezida w’Amerika, Joe Biden, ategekanya kandi kugena abandi bategetsi 2 bamenyereye ivyerekeye imigenderanire. Abo ni Jake Sullivan na Linda Thomas-Greeenfield. Sullivan ategekanywa kuba umuhanuzi mu vyerekeye umutekano w’igihugu mu gihe Greenfield ategekanywa kuba ambasaderi wa Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Bitegekanijwe ko Biden agena abazogira reta yiwe 3 kuri uyu wa gatatu.

update

Biden Ategekanya Kugena Aba Mbere muri Reta Yiwe kuwa Kabiri

Perezida yatowe Joe Biden ariko ashikiriza ijambo mu gisagara abamwo ca Wilmington, Delaware, kw'italiki ya 19/11/2020.
Perezida yatowe Joe Biden ariko ashikiriza ijambo mu gisagara abamwo ca Wilmington, Delaware, kw'italiki ya 19/11/2020.

Uwatowe kuba perezida muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, ategekanya kugena aba mbere mubazoba muri reta yiwe kuwa kabiri. Vyashikirijwe n’umwe mu bafasha biwe kuri uyu w’Imana, mu gihe Perezida Donald Trump yasavye abarepublikani kumushigikira mu rugamba arimwo mu butungane aho arondera ko ibiharuro vyavuye mu matora vyohindukirira ku ruhande rwiwe akabandanya atwara.

Ron Klain, uwuzobera Biden umuyobozi w’akazi muri White House, yanse kugaragaza ibigo n’abategetsi bazogenwa kubitwara. Ariko perezida yatowe yavuze mu ndwi iheze ko yamaze guhitamwo umushikiranganji w’ikigega kandi yizera ko aserukira abademokrate bose.

Mu gihe Biden ari mu myiteguro yo kuba umuperezida agira 46 wa Amerika, Trump yaranse kwemera ko yatsinzwe. Kuri uyu w’Imana, uwo mutegetsi yabwiye abayoboke biwe yifashishije urubuga Twitter ko “hazoboneka amajwi menshi cane yibwe”, asaba abarepublikwongereza inguvu mu rugamba.

Ariko urugamba rwiwe mu butungane nta vyamwa ruratanga gushika ubu. Imanza zishika 34 yarazitsinzwe canke arazisokoramwo cane cane mu mareta barwaniramwo amajwi menshi, ayo Biden asa n’uwayatsinze.

Kuva Trump yitwara, nta reta n’imwe ariko araburanamwo arabasha guhinduramwo ibiharuro mu majwi, bituma Biden akiza imbere ku majwi 306 kuri 232 y’intumwa z’abanyagihugu. Niyo majwi arabwa kugira hagaragare uwuba Perezida, atari amajwi rusangi, naho n’aho nyene Biden arusha Trump amajwi arenga imiliyoni 6.

update

COVID-19: Joe Biden Yizeza Abanyamerika ko Atazobagumiza mu Rugo

Perezida Yatowe Joe Biden i Wilmington, Delaware, Kw'italiki ya 19/19/2020.
Perezida Yatowe Joe Biden i Wilmington, Delaware, Kw'italiki ya 19/19/2020.

Joe Biden yatowe kuba perezida muri Reta zunze ubumwe za Amerika yavuze kuri uyu wa kane ko atazotegeka guhagarika imirimo yose mu gihugu mu ntumbero yo kurwanya ikwirakwira rya Covid-19 naho abandura barushiriza kwiyongera.

Amareta n’ibisagara bitari bike biza vyaramaze gufata izo ngingo, zirimwo Guma mu Rugo, kubuza abarira mu mazu y’uburiro, no kugabanya ibitigiri vy’abemerewe gukoranira hamwe.

Biden yabwiye itangazamakuru ko ataco abona cotuma ahagarika igihugu cose, kuko ata mwimbu vyotanga. Ariko yavuze ko amategeko y’ibihe n’ingene ibikorwa vyo kwugururwa bizofatwa hisunzwe ibice bibangamiwe kuruta ibindi mu gihugu.

Amerika igeze ku bantu barenga 251 000 bamaze kwicwa n’uwo mugera hamwe n’abarenga imiliyoni 11 n’ibihumbi 600 bamaze kwandura nkuko kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika.

Iyongerekana ry’abandura muri Amerika ryatumye ikigo c’Amerika kijejwe gukinga indwara zandukira, CDC, kigabisha abanyamerika bagiye gufata ingendo zo guhimbaza umusi mukuru w’umuganuro wa Thanksgiving.

update

COVID-19: Abanyamerika Baragabishwa mu Bihe vya Thanksgiving

Inkoko zo mu bwoko bwa Dindot ziribwa ku musi wa Thanksgiving.
Inkoko zo mu bwoko bwa Dindot ziribwa ku musi wa Thanksgiving.

Mu gihe ibitigiri vy’abandura COVID-19 birushiriza kwiyongera muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ikigo kijejwe gukinga ndwara zandukira, CDC, kiragabisha abanyamerika muri iyi misi mikuru ihereza umwaka yimirije. Iyo misi mikuru irimwo umunsi w’umuganuro, Thanksgiving uzohimbazwa kw’italiki 26 z’ukwezi kwa cumi na kumwe.

Kuri uyo munsi bimenyerewe ko imiryango n’abagenzi bahura bagasangira ibinyobwa n’imfungurwa.

Dr. Henry Walke, ajejwe gukurikiranira hafi ikiza ca COVID-19 mu kigo CDC yavuze ko iki gihe abanyamerika basabwa kwubahiriza ingingo zo kurwanya ikwirakwira ry’uwo mugera.

CDC ihanura abantu guhimbaza uwo musi mukuru n’abo babana mu nzu gusa mu gihe bahisemwo kuwuhimbariza mu rugo.

Thanksgiving ni umwe mu misi abanyamerika bafata ingendo mu gihugu hagati. CDC isaba abafata izo ngenzo kuzifata biyubara ntibandure canke banduze abandi.

update

USA: Igice c'Abarepublikani Batoye Bemeza ko Trump Yatsinze

Abayoboke ba Trump mu Myiyerekano Washington, D.C.
Abayoboke ba Trump mu Myiyerekano Washington, D.C.

Amatohoza aheruka gukorwa muri Reta zunze ubumwe za Amerika yerekana ko igice c’abarepublikani batoye bemera ibivugwa na Perezida Donald Trump ko yatsinze amatora biciye mu kuri, aho yahiganwa n’umudemokrate, perezida yatowe Joe Biden.

Trump yamye yemeza, hafi buri musi ko amatora hamwe n’iharura ry’amajwi vyakozwe hatumbereye kumukumira ku butegetsi, aca arahakana kwemera ko yatsinzwe na Biden.

Ivyashikirijwe inyuma yo kubaza no kwumviriza abanyagihugu barenga 1 300, vyasohowe kuri uyu wa gatatu vyerekana ko 73 kw’ijana bemera ko Biden yatsinze, na 5 kw’ijana bibaza ko Trump ari we yatsinze.

Ariko abanywanyi b’umugambwe w’abarepublikani baracafise amakenga kuvyavuye mu matora babajijwe nimba Biden yatsinze biciye mu kuri.

Abarepublikani 52 kw’ijana bavuga ko Trump yatsinze mu kuri mu gihe 29 kw’ijana bemeza ko Biden yatsinze.

Ariko ibinyamakuru vyose bikomeye muri Amerika vyatangaje ko Biden yaronse amajwi arenga 270 ku majwi 538 y’intumwa ziserukira abanyagihugu, ari nazo zidadanura amatora ya perezida muri Amerika. Biden kandi aza imbere mumamiliyoni y’amajwi y’abatoye bose, nkuko vyagendeye umudemokrate Hillary Clinton mu 2016, igihe yatsindwa na Trump mu majwi y’intumwa ziserukira abanyagihugu.

Kuva haba amatora, Trump ntagaragara mu banyagihugu, ariko akunze kwifashisha urubuga Twitter mu kwidoga ko yibwe ikindi kiringo mw’iharurwa ry’amajwi. Ariko yaratsinzwe imanza zitari nke mu masentare kandi nta vyemeza yerekanye ko iharurwa ry’amajwi ryabayemwo ubusuma.

update

Perezida Trump Yirukanye Uwari Ajejwe Umutekano mu vy'Amatora

Christopher Krebs
Christopher Krebs

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika Donald Trump yaraye yirukanye umukuru w’ikigo kijejwe kugenzura no gucungera umutekano w’ubuhinga bwa none mu vy’amatora y’Amerika.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Perezida Trump yagirije Christopher Krebs ko “ yimonogoje mu kuvuga amajambo yuzuye ibinyoma kw’itunganywa ry’amatora”. Muri ubwo butumwa bumenyesha ikomborwa ry’uwo mutegetsi, Trump yashimangiye ko amatora ahitiye aha muri Amerika yaranzwe na twa “sorobo twinshi”.

Ni ivyagiriji Krebs yasezerewe co kimwe n'ikigo, CISA, yaramutswa bamirira kure. Yishura kuri ubwo butumwa bumukombora abicishije kuri Twitter yiwe, Christopher Krebs yavuze ko yishimiye cane akazi k’iteka yakoze neza”. Yanditse ati: “ Gwanira amateka y’uno munsi, uharanire kazoza.”

Ibindi kuri ino nkuru turacabitunganya

update

Biden Yatunganije Inama n'Abahanuzi mu Mutekano w'Igihugu

Inama n'abahanuzi mu bijanye n'umutekano mu gihugu, i Wilmington, Belaware, kw'itariki 17/11/2020
Inama n'abahanuzi mu bijanye n'umutekano mu gihugu, i Wilmington, Belaware, kw'itariki 17/11/2020

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, uwatowe kuba Perezida Joe Biden ejo kuwa kabiri yariko arabonana n’abahanuzi muvy’umutekano mu gihugu, mu gihe Perezida Donald Trump abandanya kuburizamwo ibikorwa vy’umugwi wiwe bigana ku gushika ku butegetsi.

Biden n’icegera ciwe Kamala Harris bariko baraganira ku bibazo vyo ku rwego rw’isi n’abadiplomate, abajejwe iperereza hamwe n’abahinga muvya gisirikare, nkuko vyashikirijwe n’abategetsi bazoja muri reta ya yiwe.

Abashingamateka b’abarepublikani bavuze mu misi iheze ko abategetsi ba reta mu gisata c’iperereza bakwiye guha amakuru Biden mu kurindira itariki ya 20 y’ukwezi kwa mbere aho azokwimikwa. Ni mu gihe Trump akibandanya urugamba rwo kwitwara mu butungane avuga ko habaye ubusuma mu guharura amajwi.

Trump yagumye avuga ko yatsinze amatora kandi yongera kwanka kwemera ko yatsinzwe.

Abategetsi bajejwe amatora mu gihugu babwiye ibinyamakuru muri Amerika ko ata vyemeza baronse vyerekana ko habaye ubusuma mu majwi, kiretse utunenge duto duto tutotuma hagira kinini gihinduka mu majwi naho Trump yotsinze izo manza.

Kugira Biden yemererwe gutangura ibikorwa vy’ibanze bitegura gushikira umwanya wa perezida, umukuru w’ikigo GSA ca reta y’Amerika gishinzwe ibikorwa rusangi, birimwo abakozi, inyubako n’ibikoresho, kibwirizwa gusinya urwandiko rwemeza ko yatsinze amatora. Trump gushika ubu yarazibiye uwo mugirwa.

Haruhande y’iyo mibonano n’abo bahanuzi muvyo umutekano mu gihugu, Biden kuri uyu wa kabiri yagenye indwi bazomufasha muri White House, hamwe n’abandi babiri bazofasha umutambukanyi wiwe, Jill Biden.

update

COVID-19: Trump Ntaremera Gukorana n'Umugwi wa Biden

Perezida Yatowe Joe Biden
Perezida Yatowe Joe Biden

Abahinga ku ngwara zandukira muri Reta zunze ubumwe za Amerika bavuze kuri uyu w’Imana ko kubona Perezida Donald Trump yanka kwemera ko yatsinzwe amatora, vyatumye batabasha guha amakuru ya COVID-19 abategetsi ba reta yatowe ya Joe Biden kugira bafashe kurwanya ico kiza. Ni mu gihe abandura muri Amerika babandanya kwiyongera.

Umwe mu bahanuzi ba Biden ku kiza ca COVID-19, Dr. Atul Gawande, yavuze kuri uyu w’Imana ko ari ku nyungu z’igihugu igihe umurwi mushasha wa reta mfatakibanza woronswa ayo makuru. Avuga ko bakeneye kumenya ingene itangwa ry’incanco ritunganijwe, aho izi ncanco ziri, hamwe no kumenya ingene ibitigiri vy’udupfukamunwa n’ibindi bikoresho bingana.

Anthony Fauci, umuyobozi w'ikigo c'igihugu gishinzwe kurwanya indwara zandukira, asanzwe anebagurwa na Trump yavuze ko vyoba vyiza batanguye gukorana n’umurwi w’abategetsi ba reta yitezwe ya Biden.

Fauci, mu gihe amaze muri ayo mabanga, amaze gukorana n’amareta atandatu yagiye arabisikanya.

Mu misi iheze, Amerika yabonye abantu barenga 184 000 bandura ku musi, nkuko kaminuza Johns Hopkins University yabishikirije. Abanyamerika barenga 245 000 baramaze kwicwa na COVID-19 n’abarenga imiliyoni 10 n’ibihumbi 900 bamaze kwandura, ibiharuro vyinshi ugereranije n’ikindi gihugu cose kw’isi.

update

Trump Asa n'Uwemera ko Biden Yamutsinze Ariko Arahakana Kuvyemanga

Donald Trump
Donald Trump

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump ku ncuro ya mbere kuri uyu w’Imana asa n’uwemeye ko umudemokrate Joe Biden “yatsinze” amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu ndwi zibiri ziheze ariko yongeye kuvuga atazovyemera ku mugaragaro.

Mu butumwa yanditse kuri Twitter, Trump yabandanije ashikiriza amajambo ataho ashingiye ko yatsinzwe kuko amatora yabayemwo amanyanga kugira atsindwe.

Perezida w’umurepublikani yaranse kwemera ko yatsinzwe n’uwahoze ari icegera ca perezida naho ibinyamakuru bimaze indwi irenga bitangaza ko Biden yarengeje amajwi 270 y’intumwa z’abatora asabwa kugira yemezwe ko yatsindiye intebe ya perezida.

Ku rubuga twa Twitter, Trump yavuze ati, “Yatsinze kuko amajwi yibwe.”, aho yavuga Biden.

Trump yabandanije avuga ko ata barorerezi canke abacungera iharurwa ry’amajwi bemerewe gukurikirana iharurwa ry’amajwi. Yavuze ko amatora yatunganijwe n’ikompanyi yitwa Dominion, yegamiye uruhande rw’abatavuga rumwe nawe.

Trump yavuze ko atemera ivyayavuyemwo kuko yabayemwo ubusuma.

Uwuzobera Biden umuyobozi w’akazi, Ron Klain yabwiye televiziyo NBC ko amajambo Trump ashikiriza kuri Twitter atari yo azotuma Joe Biden aba perezida canke atamuba. Yavuze ko abanyamerika babikoze.

Abategetsi bajejwe amatora mu gihugu babwiye ibinyamakuru ko bataraboma ivyemeza ko habaye ubusuma mu matora kiretse utugorane duto duto twibonekeje ku musi w’itora no mu guharura amajwi bitohindura intsinzi ya Biden.

Mu gihe ibirego yitwaye avuga ko yibwe bikirindiriwe kwumvirizwa mu masentare atandukanye mu mareta afise uruhara runini mu majwi, Trump yaramaze gutsindwa ku birego bijanye n’iharura ry’amajwi.

Biden aramaze kubonana n’abahanuzi biwe ku gushinga reta nshasha no kwiyumvira kuri bamwe bokorana muri White House. Mu ndwi iheze, Biden yahisemwo Ron Klain ngo azomubere umuyobozi w’akazi.

update

Ubushinwa Burakeza Joe Biden na Kamala Harris

Joe Biden na Kamala Harris
Joe Biden na Kamala Harris

Ubushinwa bwakeje uwatsinze amatora muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa, Wanga Wenbin yabitangaje uno musi ku wa gatanu.

Yamanyesheje ko bakeje Joe Biden n’icegera ciwe, Kamala Harris. Avuga ko bakwirikiranye ukugene abanyamerika n’amakungu bishuye ku matora ya prezida yabaye muri Amerika. Ntaco yavuze ku guteba kw’igihugu ciwe ku bijanye n’ukuvuga ku vyerekeye ayo matora.

Wanga Wenbin avuga ko bubaha ingingo abanyamerika bafashe y’uguhitamwo uwuzobayobora. Atangaza ko bumva ko ivyavuye mu matora aherutse kuba muri Amerika bizomenyekana hisunzwe amategeko n’uburyo ibintu bitegerezwa gukwirikizwa mu gihugu.

Joe Biden abonwa ko ari we yakwije amajwi akenewe kugira azobe prezida kw’italiki 20 y’ukwezi kwa mbere kw’umwaka utaha w’i 2021. Gushika ubu Joe Biden, umudemokrate ari imbere cane y’uwo bahiganywe, Prezida Donald Trump, umurepublikani mu majwi abandanya guharurwa y’abatoye kw’italiki ya 3 y’uku kwezi kw’icumi na rimwe.

Ivyavuye mu matora gushika ubu vyaritwariwe mu mesentare. Ntibizotangazwa icese imbere yuko vyemezwa icese n’amareta atandukanye. Kwemeza icese ivyavuye mu matora ntibizorengana italiki 8 y’ukwezi kw’icumi na kabiri kw’uyu mwaka.

Voma ibindi

XS
SM
MD
LG