Uko wahagera

Trump Asa n'Uwemera ko Biden Yamutsinze Ariko Arahakana Kuvyemanga


Donald Trump
Donald Trump

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump ku ncuro ya mbere kuri uyu w’Imana asa n’uwemeye ko umudemokrate Joe Biden “yatsinze” amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu ndwi zibiri ziheze ariko yongeye kuvuga atazovyemera ku mugaragaro.

Mu butumwa yanditse kuri Twitter, Trump yabandanije ashikiriza amajambo ataho ashingiye ko yatsinzwe kuko amatora yabayemwo amanyanga kugira atsindwe.

Perezida w’umurepublikani yaranse kwemera ko yatsinzwe n’uwahoze ari icegera ca perezida naho ibinyamakuru bimaze indwi irenga bitangaza ko Biden yarengeje amajwi 270 y’intumwa z’abatora asabwa kugira yemezwe ko yatsindiye intebe ya perezida.

Ku rubuga twa Twitter, Trump yavuze ati, “Yatsinze kuko amajwi yibwe.”, aho yavuga Biden.

Trump yabandanije avuga ko ata barorerezi canke abacungera iharurwa ry’amajwi bemerewe gukurikirana iharurwa ry’amajwi. Yavuze ko amatora yatunganijwe n’ikompanyi yitwa Dominion, yegamiye uruhande rw’abatavuga rumwe nawe.

Trump yavuze ko atemera ivyayavuyemwo kuko yabayemwo ubusuma.

Uwuzobera Biden umuyobozi w’akazi, Ron Klain yabwiye televiziyo NBC ko amajambo Trump ashikiriza kuri Twitter atari yo azotuma Joe Biden aba perezida canke atamuba. Yavuze ko abanyamerika babikoze.

Abategetsi bajejwe amatora mu gihugu babwiye ibinyamakuru ko bataraboma ivyemeza ko habaye ubusuma mu matora kiretse utugorane duto duto twibonekeje ku musi w’itora no mu guharura amajwi bitohindura intsinzi ya Biden.

Mu gihe ibirego yitwaye avuga ko yibwe bikirindiriwe kwumvirizwa mu masentare atandukanye mu mareta afise uruhara runini mu majwi, Trump yaramaze gutsindwa ku birego bijanye n’iharura ry’amajwi.

Biden aramaze kubonana n’abahanuzi biwe ku gushinga reta nshasha no kwiyumvira kuri bamwe bokorana muri White House. Mu ndwi iheze, Biden yahisemwo Ron Klain ngo azomubere umuyobozi w’akazi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG