Uko wahagera

USA: Igice c'Abarepublikani Batoye Bemeza ko Trump Yatsinze


Abayoboke ba Trump mu Myiyerekano Washington, D.C.
Abayoboke ba Trump mu Myiyerekano Washington, D.C.

Amatohoza aheruka gukorwa muri Reta zunze ubumwe za Amerika yerekana ko igice c’abarepublikani batoye bemera ibivugwa na Perezida Donald Trump ko yatsinze amatora biciye mu kuri, aho yahiganwa n’umudemokrate, perezida yatowe Joe Biden.

Trump yamye yemeza, hafi buri musi ko amatora hamwe n’iharura ry’amajwi vyakozwe hatumbereye kumukumira ku butegetsi, aca arahakana kwemera ko yatsinzwe na Biden.

Ivyashikirijwe inyuma yo kubaza no kwumviriza abanyagihugu barenga 1 300, vyasohowe kuri uyu wa gatatu vyerekana ko 73 kw’ijana bemera ko Biden yatsinze, na 5 kw’ijana bibaza ko Trump ari we yatsinze.

Ariko abanywanyi b’umugambwe w’abarepublikani baracafise amakenga kuvyavuye mu matora babajijwe nimba Biden yatsinze biciye mu kuri.

Abarepublikani 52 kw’ijana bavuga ko Trump yatsinze mu kuri mu gihe 29 kw’ijana bemeza ko Biden yatsinze.

Ariko ibinyamakuru vyose bikomeye muri Amerika vyatangaje ko Biden yaronse amajwi arenga 270 ku majwi 538 y’intumwa ziserukira abanyagihugu, ari nazo zidadanura amatora ya perezida muri Amerika. Biden kandi aza imbere mumamiliyoni y’amajwi y’abatoye bose, nkuko vyagendeye umudemokrate Hillary Clinton mu 2016, igihe yatsindwa na Trump mu majwi y’intumwa ziserukira abanyagihugu.

Kuva haba amatora, Trump ntagaragara mu banyagihugu, ariko akunze kwifashisha urubuga Twitter mu kwidoga ko yibwe ikindi kiringo mw’iharurwa ry’amajwi. Ariko yaratsinzwe imanza zitari nke mu masentare kandi nta vyemeza yerekanye ko iharurwa ry’amajwi ryabayemwo ubusuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG