gahunda y'itangazamakuru
Ikiganiro Murisanga ku Kudahana Ivyaha Bikorerwa Abamenyeshamakuru
Kw’itariki zibiri z’ukwezi kw’icumi na rimwe uko umwaka utashe ni umusi mpuzamakungu wo kurwanya kudahanwa kw’abakora ivyaha ku #bamenyeshamakuru. Uno mwaka, uwo musi wibutswe mu gihe umutekano w’abakora umwuga w’ugutangaza amakuru ubandanya kugeramirwa mu bice bitandukanye vyo kw’isi. Uwo musi mpuzamakungu w’uyu mwaka woba wahimbajwe gute mu makungu no mu karere k’ibiyaga binini? Hari akarusho woba waragize umuntu uwugereranije n’iyindi myaka y’imbere yaho, canke ibintu biguma biherera mu majambo gusa? Ni vyo tuvuga mu kiganiro, Murisanga
Amakuru y'Akarere
Ingingo zigize amakuru y'akarere: Umurwi w’Abadepite bagize umuryango w’ubumwe bwa Buraya baganiye na bagenzi babo bo mu Rwanda mu rugendo barimo I Kigali. Ikibazo cy’ifungwa rya bwana Paul Rusesabagira ni kimwe mu bibazo byagarutsweho. Sentare nkuru y’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko yatanguje ibikorwa vyayo vy’ukwezi kwa 11 i Bujumbura mu Burundi. Vice Prezida Kamala Harris ategekanya kubwira abakuru b’ibihugu n’amareta mu nama nkuru izobera I Paris mu Bufaransa ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zishigikiye amatora muri Libiya.
Amakuru ku Mugoroba
Ingingo zigize amakuru yo ku mugoroba: Mu Burundi, umurwi w'igihugu ujejwe kunywanisha Abarundi CVR urahakana ivyo umaze imisi wagirizwa ko witiranya ibiziga vy'abantu uzura vyose ukavyitirira Abahutu bagandaguwe muri 1972. Dosiye ya Rusesabagina mu Mubonano w'Abadepite ba EU n'u Rwanda Amakungu akomeje kuremera Etiyopiya mu gihe ingabo za Tigreya ziriko zitera zegera umurwa mukuru Addis Ababa