gahunda y'itangazamakuru
Murisanga: Inama y'urwaruka rurongoye abandi muri Afurika
Kuva kw'itariki ya 8 gushika ku ya 12 y'ukwezi kwa 11, urwaruka rw'abarongoye abandi ku mugabane w'Afurika rurenga ibihumbi 10 ruriko rurakwirikirana inama yitiriwe "Africa Youth Leadership Summit" "YouLead Summit 2021, igira gatanu. Iyo nama ishira imbere imigambi y'urwaruka y'ishirahamwe EAC iriko ibera mu gisagara ca #Arusha, muri Tanzaniya. Icivugo c'uyu mwaka, ni "kazoza ka Afrika; kugwiza ubuzi, kuronsa ibifungurwa n'uburaro urwaruka rwo ku mugabane wa Afrika". Mu kiganiro Murisanga turi kumwe na bamwe mu rwaruka rwavuye mu #Burundi no mu Rwanda, rukwirikirana ibikorwa vy'iyo nama.
Amakuru y'Akarere
Ingingo zigize amakuru yo kuri uno mugoroba: Abategetsi b'igisirikare c'u Rwanda n'ic'Uburundi bagiranye ibiganiro ku kibazo c'umutekano w'akarere Mu Rwanda, Umumenyeshamakuru Dieudonne Niyonsenga yaciriwe umunyororo w'imyaka 7 n'ihadabu ya miriyoni 5 Mu yagezweho irya n'ino kw'isi, Frederik de Klerk yabaye prezida wa nyuma w'umuzungu muri Afurika y'epfo yitavye Imana.