gahunda y'itangazamakuru
Iwanyu mu ntara
Prezida wa Kongo Felix Antoine Tshisekedi Tshilombo yamaganye amasezerano u Rwanda rwasinyanye n’ubumwe bw’ibihugu by’uburayi yerekeranye n’uburuzi bw’abamahuye y’agaciro. Mu Burundi abahinzi b’ibigori barimo baragurisha umusaruro wabo ku 700 ku kilo, Mu gihe Leta yabemereye kuzajya ibaha 1700.
Murisanga
Tuvuga ku matora rusangi ategekanijwe kuba muri Afrika y’epfo kw’italiki 29/5/2024. Ayo matora azoba mu gihe umugambwe uri ku butegetsi, ANC, uhanganye n’ibibazo bitari bike, birimwo urugero ruri hejuru cane rw’ubushomeri, ikibazo c’umuyagankuba, ubutunzi butifashe neza, ruswa n’ubugizi bwa nabi.
Amakuru ku Mugoroba
Mu Burundi, abanyagihugu b' i Gitega n'i Bujumbura bavuga ko bari mu bukene bw’amazi. Sosiyete sivile muri Senegal yanse ibiganiro vyo gushiraho itariki y’amatora y’umukuru w’igihugu. Amerika yafatiye Uburusiya ibindi bihano. Uburusiya bwoba bwipfuza gushingura Umunyepolitike Navalny mw'ibanga