Colonel Leonidas Mageragere ngo Ntabwo Ashaka Guhirika Petero Nkurunziza

Haheze iminsi havugwa amazina menshi y’abantu bashaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza. Colonel Léonidas Maregarerge ari mu bavugwa ararahira akerengwa yuko adashobora kuja muri ako karwi! Colonel Mageragere ngo «Nta muntu yorota atembagaza ubutegetsi bwashizweho n’abanyagihugu.»

Inkuru zavuga yuko amanama yo gutembagaza ubutegetsi yoba yabereye mu gihugu c’Ubuganda. Colonel Maregarege amenyesha ko aherutse mu gihugu c’Ubuganda, mu muji wa Mbarara, aho yari yagiye kugura inka, kuko afise umugambi wo kworora inka z’ubwoko bwiza bw’aho i Buganda.

Aho atahukiye, ageze kuri rond point ya Kamenge, agiye kwinjira mu gisagara ca Bujumbura, abapolisi barahagaritse imodoka yarimwo, bamwaka igitabu c’inzira bita Passeport, baraba aho avuye. «Ntivyarenze aho» nk’uko Colonel Maregarege abisigura.

Ubu Abarundi barindiye yuko presida yatanguye kuvuga iyo nkuru atanga amazina y’abo bantu bashaka gutembagaza intwaro yiwe, ntihagire abahorwa umukeko.

Kuva mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye, haguma havugwa ibihuha vyo gutembagaza ubutegetsi, ariko umukuru w’Uburundi ubwiwe, Petero Nkurunziza, yahavuye amanyesha Abarundi kuwa 6/3/2006, ari kugendera intara ya Muyinga, yuko azi neza abantu bashika batandatu, harimwo abasoda, abapolisi n’abacivile bashaka gutembagaza ubutegetsi bwiwe.