Uko wahagera

Umukuru w’Uburundi Petero Nkurunziza Yahinduye  Abagize Leta Yiwe



Bubaye ubwa mbere Petero Nkurunziza ahindura leta yiwe kuva ishinzwe kuwa 26 /8/2005. Ubu Venant Kamana ni we aramutswa ubushikiranganji bujejwe intwaro ibereye no gucungera itunga rya leta, akaba asubiriye Joseph Ntakarutimana.

Umusirikare Général de Brigade Evariste Ndayishimiye we yashikiriye intebe y’ubushikiranganji bujewe intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano. Agiye mu kibanza ca Ambassadeur Salvator Ntacobamaze.

Ababona ibintu n’ibindi basigura yuko Joseph Ntakarutimana yoba yakuwe muri leta kubera bamuvugako ibintu vyinshi vyereye isesagurwa ry’itunga rya leta kandi ari vyo yari ashinzwe kugwanya. Joseph Ntakarutimana yari yemereye Abarundi yuko vuba azoshira ahabona abamaze itunga rya leta ariko arinze agenda ata numwe yerekanye, kiretse abantu bato bato bane bishikanye, na bo nyene nta numwe yivye imilioni zitanu!

XS
SM
MD
LG