Uko wahagera

Petero Nkurunziza w'Uburundi ngo Hari Abashaka Kumuhirika


Kuva Petero Nkurunziza ashikiriye ubutegetsi ku wa 26 ukwezi kwa munani 2005, bubaye ubugira kabiri havugwa yuko hoba hari abantu bashaka gutembagaza intwaro.

Kare vyavurwa nk’ibihuha ariko umukuru w’Uburundi ubwiwe, Petero Nkurunziza, ni we yavyivugiye yuko azi neza yuko hari abantu bashika umunani, abapolisi batau, abasirikare batatu, n’abacivile babiri bamaze kugira amanama yoguhirika ubutegetsi bwatowe n’abanyagihugu. Vyongeye ni vyo bavuze ngo vyarafashwe, ariko ivyemeza ntibiraboneka.

Nkuko ababizi neza babisigura, Presida Nkurunziza yabivugiye um ntara ya Muyinga aho yari yagendeye abanyagihugu kw’igenekerezo rya 6/3/2006, iradiyo nkuru y'igihugu ica irabisubiramwo. Abamenyesha iyo nkuru bavuga yuko presida ubwiwe yamenyesheje yuko abo bantu bazwi neza ivyo bafunditse, nihagera bazobashengeza izuba ryaka.

Ariko, icobikoze, umukuru w’igipolisi c’Uburundi, Général de Brigade Alain Guillaume Bunyoni, amenyesha yuko ibintu bidafise ivyemezo bigoye kuza biravugwa, ariko aho bizogira ahabona abo bantu bazobashengeza.

Mugabo abataribake baranebagura iyo nyifato y'abategetsi baguma basha guca umutima Abarundi ata bifashe biboneka kandi bazi aho ugutembagaza inzego muri 93 vyagejeje Abarundi n'Uburundi.

XS
SM
MD
LG