MSF Ryasubiriye Kuvugurura Ibikorwa Muri Burkina Faso

Abateshejwe ingo zabo n'intambara barindiriye imfashanyo i Djibo, muri Burkina Faso, kw'itariki ya 26/05/2022

Ishirahamwe ry’abagiraneza ry’abaganga batagira imbibe, Medecins Sans Frontieres, ryasubiye kuvugurura ibikorwa muri Burkina Faso. Hari haheze ikiringo kingana ukwezi rihagaritse ibikorwa, inyuma y’iyicwa rya babiri mu bakozi baryo mu gitero.

MSF ryavuze kuri uyu wa gatatu ko ryari ryarahagaritse ibikorwa muri ico gihugu co mu burengero bwa Afrika kw’itariki ya 17 y’ukwa kabiri. Rivuga ariko ko ibi bikorwa bigiye gusubira mu gihugu cose, kiretse mu ntara ya Boucle de Mouhon yabereyemwo ubwo bwicanyi.

Burkina Faso ni kimwe mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’uburengero bibangamiwe n’imihari y’iterabwoba ishamikiye kuri al Qaeda n’umuhari wa reta ya kiyisilamu.

Ubwo bwicanyi bumaze guhitana ibihumbi vy’abantu kandi bwangaza abaharurwa mu mamiriyoni.

MSF rifise abakozi barenga 1.000 muri Burkina Faso kandi rikorera mu turere turenga icumi. (Reuters)