Uko wahagera

Burkina Faso Yafashe Ingingo Zo Kurwanya Iterabwoba


Igiporisi ca Burkina Faso mu mabarabara y'i Ouagadougou, Burkina Faso, mu bikorwa vyo gukizura
Igiporisi ca Burkina Faso mu mabarabara y'i Ouagadougou, Burkina Faso, mu bikorwa vyo gukizura

Burkina Faso yashize igice c’uburaruko hamwe n’ibindi vyo hagati hashira ubuseruko mu bihe vyo kudatembera mw’ijoro kugira vyorohe kurwanya abajihadiste.

Umunyamabanga mukuru w’ubutegetsi bw’intara zo mu buraruko, Kouilga Albert Zongo yavuze ko iryo ziririza ryo kudatembere mw’ijoro ryatanguye gushirwa mu ngiro kw’itariki 3 gushika 31 z’ukwezi kwa gatatu.

Zongo yavuze ko iyi ngingo izofasha igisirikare muri ako karere gahana urubibe na Mali guhangana n’abo yise abakora itarabwoba ryatanguye mu mwaka wa 2015.

Ibitero vy’abajihadiste vyariyongereye muri uyu mwaka muri Burkina Faso, bihitana ubuzima bw’abasivile n’abajejwe umutekano batari bake.

Igisirikare catangaje ejo kuw’Imana ko igitiri mfatakibanza c’abishwe mu buraruko mu mutego wabaye kw’itariki ya 17 z’ukwa kabiri gishitse ku basirikare 51. Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu waremeye ko ari wo wabishe.

Ni co gitero kimaze guhitana abajejwe umutekano benshi muri Burkina Faso kuva aho Kapitene Ibrahim Traore afatiye ubutegetsi biciye muri kudeta mu kwezi kw’icenda. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG