Alpha Condé Yemerewe Kongera Kuva mu Gihugu

Alpha Conde yahoze ari perezida wa Gineya

Abasirikare batembagaje ubutegetsi muri Gineya basubiye kwemerera Alpha Condé yahoze ari perezida w’ico gihugu kuva mu gihugu.

Itangazo ryasohowe n’abasirikare baramutswa ubutegetsi bwa Gineya rivuga ko Alpha Condé yahawe uruhusha rwo kuva mu gihugu kugira aje kwivuza.

Iryo tangazo ntiritomora igihugu agiyemwo n’igihe azomara ari hanze. Ntirinavuga ico agwaye. Gusa, ryumvikanisha ko arekuriwe gusohoka igihugu kugira aje kwisuzumisha ku baganga batandukanye.

Alpha Condé w’imyaka 84 afise dosiye mu butungane bumwagiriza ubwicanyi, guhohotera kiremwa muntu n’ukunyuruza abatandukanye. We n’abandi bategetsi bagera kuri 30 bahora muri Reta yiwe bacegekwako ivyo vyaha, ubutungane bwari bwavuze ko batemerewe kurenga imbibe za Gineya.

Ubutegetsi bwa Conde bwatembagajwe mu kwezi kw’icenda ko mu 2021.