Uko wahagera

Prezida wa Guinée Alpha Condé Yavanywe ku Butegetsi


Prezida wa Guinee Alpha Conde
Prezida wa Guinee Alpha Conde

Prezida wa Guinée, Alpha Condé, yavanywe ku butegetsi inyuma y’imyaka 11 yari abumazeko. Abatembagaje ubutegetsi bwiwe bavuze ko bari mu co bise komite y'igihugu ihuriwemwo na bose y'iterambere, Comité national de rassemblement et du développement (CNRD).

Abari muri iyo komite bavuze ko hari twa sorobo twinshi mu gihugu twatumye basaba igisirikare kwifatira ibintu mu minwe. Muri videwo yacishijwe kuri tereviziyo y’igihugu muri Guinée, RTG, umuvugizi wa CNRD yavuze ko Prezida Condé w’imyaka 83 mu vyo yagirizwa harimwo ubutunzi bugeze aho umwansi ashaka, ukudakora neza kw’inzego za Reta, ugukoreshwa kw’inzego z’ubutungane no guhonyanga uburenganzira butari buke bw’umunyagihugu.

Videwo biboneka ko yafashwe n’abasirikare yerekanye Alpha Condé ari mu mpuzu zisanzwe, ata karuvati, ata birato. Abasirikare batari bake bari bamukikuje. Mu gatondo, amakuru yari yatangajwe n’ibimenyeshamakuru bitari bike yavuga ko humvikanye amasasu menshi ku murwa mukuru wa Guinée i Conakry, no mu micungararo y’ahari ingoro y’umukuru w’igihugu n’ibiro vy’ubushikiranganji nka bwose.

Abafashe ubutegetsi batangaje ko inzego zose za Reta zitembagajwe. Abo itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, ryemeza ko abakomerekeye mu kurasanya kwabaye mu gatondo ari babiri. Umumenyeshamakuru w’itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, we avuga ko n'amaso yiwe yiboneye umwe yapfuye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG