Uko wahagera

Alpha Conde Yahoze ari Perezida wa Gineya Yavuye mu Gihugu


Alpha Conde
Alpha Conde

Uwahoze ari perezida wa Gineya, Alpha Condé, yavuye mu gihugu kuri uyu wa mbere. Ibi vyavuzwe n’abategetsi babiri muri reta ya Gineya.

Urubuga rwa interineti rushikirizwako amakuru yo muri Gineya, Guineenews, rwavuze ko uwo yahoze ari perezida yafashe indege imujana muri Emira z’Abarabu zunze ubumwe.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ntiryashoboye kumenya aho yagiye ku makuru yaryo ryatohoreje, kandi nta tangazo ryasohowe na reta kuri uko kuva kwiwe mu gihugu. Ariko umutegetsi wo hejuru mu bushikirangani bw’imigenderanire n’amakungu atashimye ko amazina yiwe amenyekana, yavuze ko Condé yavuye muri Gineya. Uwundi mutegetsi akorera ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru Conakry, yavuze ko Condé yasohotse igihugu mu ndege itari iy’ubudandaji.

Kurekura uwo yahoze ari perezida, w’imyaka 83, cari kimwe mu vyasabwe n’ishirahamwe CEDEAO inyuma ya kudeta yakorewe yo mu mwaka uheze.

Condé avuye mu gihugu inyuma y’aho abategetsi mu butungane bugururiye dosiye ku vyaha vyakozwe ku butegetsi bwiwe. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG