Uko wahagera

Igisirikare muri Gineya Cemeza ko Kudeta Yagenze Neza


Ikiduga ca Gisirikare mu mihana y'i Kaloum ku murwa mukuru Conakry muri Gineya
Ikiduga ca Gisirikare mu mihana y'i Kaloum ku murwa mukuru Conakry muri Gineya

Abasirikare muri Gineya bavugiye kuri Televiziyo y’igihugu kuri uyu w’Imana ko bahagaritse Perezida Alpha Conde, bongera bavuga ko basheshe ibwirizwa shingiro, kandi imbibe z’igihugu, haba ku butaka no mu kirere zicungerewe.

Itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi ryavuze ko igitero ku kirimba c’umukuru w’igihugu, i Conakry, casubijwe inyuma.

Irengero rya Conde ntirizwi gushika ubu.

Mu kwezi kw’icumi, Perezida Conde yarahinyanyuye ibwirizwa shingiro kugira yemererwe kwongera kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Ayo matora yabayemwo imigumuko mu gihugu cose, aho abanyagihugu biyamirije ayo matora.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ryavuze kuri uyu w’Imana ko ryaronse isanamu ya videwo yerekana Alpha Conde, yicaye ku ntebe akikujwe n’abasirikare.

Abanyagihugu berekanye akamwemwe mu mabarabara bavuga ko banezerejwe n’ico bise kudeta yagenze neza (AP, Reuters,AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG