Abakuru b’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika kuri uyu wa kane vyafatiye ibihano abategetsi bakoze kudeta muri Gineya bongera basaba ko hatunganywa amatora mu mezi atandatu kugira basubize utugetsi abasivile, inyuma yo gukura Perezida Alpha Conde muri uku kwezi.
Ibihugu 15 bigize CEDEAO biza vyarakuye ico gihugu muri uyo muryango, inyuma y’aho Alpha Conde ahagarikiwe kw’itariki ya 5 y’ukwezi kw’icenda, baca batangaza ubutegetsi bw’imfatakibanza.
Perezida wa komisiyo ya CEDEAO, Jean Claude Kassi Brou yashimitse avuga ko ikiringo mfatakibanza gikwiye kuba gito cane, ko habwirizwa kuba amatora mu mezi atandatu. Yabibwiye abamenyeshamakuru inyuma y’ao abo bakuru b’ibihugu babonaniye i Accra muri Ghana ku ruhagarara muri Gineya.
Mw’itangazo basohoye, CEDEAO yavuze ko izofatira ibihano vyo kubuza abo basirikare bahiritse ubutegetsi hamwe n’imiryango yabo gufata ingendo kandi bafate n’amatungo yabo.
Basavye kandi ubumwe bwa Afrika, ONU hamwe n’ubumwe bwa Buraya gushigikira ivyo bihano kuri ako kagwi kiyise Commite National de Reconciliation et de Development, CNRD.
Facebook Forum