Uko wahagera

CEDEAO Igiye mu Biganiro n'Abahiritse Ubutegetsi muri Gineya


Liyetona Koloneli Mamady Doumbouya uyoboye abahiritse ubutegetsi muri Gineya aramutsa abaturage.
Liyetona Koloneli Mamady Doumbouya uyoboye abahiritse ubutegetsi muri Gineya aramutsa abaturage.

Umurwi w'abaserukira ishirahamwe ry'ugufashanya mu vy'ubutunzi ry'ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, bashitse uno musi ku wa gatanu ku murwa mukuru wa Gineya, Conakry kugirana ibiganiro n'abategetsi b'abasirikare bakuye ku butegetsi Prezida, Alpha Conde.

Izo ntumwa zizeye ko zishobora kwumvisha bagize kudeta gutuma basuziba ubutegetsi abasivile hisunzwe ibwirizwa shingiro.

Vyitezwe ko abaserukira ishirahamwe CEDEAO basaba abagize kudeta kugena umushikiranganji wa mbere w’umusivile yizigiwe mu buryo bwihuta bushoboka. Ivyo kugira bifashe igihugu ca Gineya gusubira mu nzira yubahiriza ibwirizwa shingiro.

Coup d’etat igira iya gatatu mu karere ko muri Afrika yo mu burengero kuva mu kwezi kwa kane yongereje ubwoba ko ako karere kariko gasubira mu ntwaro z’igisirikare.

Abategetsi bo muri ako karere barahagaritse Guinee mw’ishirahamwe CEDEAO ku musi wa gatatu. Yamara nta bindi bihano birenga aho bafashe.

Coup d’etat yo ku musi w’imana muri Guinee yariyamirijwe n’ibihugu bikorana na Guinee birimwo Reta zunze ubumwe z’Amerika, zatangaje ku musi wa kane ko ata ruhara zagize mw’ifatwa ry’ubutegetsi muri ico gihugu. Ni inyuma yuko amasanamu ya videwo y’abasirikare b’Abanyamerika bari mu banyagine bari mu kamwemwe igihe coup d’etat yaba ku musi w’Imana agiye ahabona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG