Uko wahagera

Condé Yahoze ari Prezida wa Gineya Yagirizwa Ubwicanyi


Alpha Conde yahoze ari prezida wa Gineya
Alpha Conde yahoze ari prezida wa Gineya

Sentare nkuru muri Gineya yatangaje ko Alpha Condé yahoze ari prezida w’ico gihugu n’abandi bategetsi 30 bahoze muri Reta yiwe bagiye gukurikiranwa ku vyaha birimwo ivy’ubwicanyi, kunyuruza abantu guhohotera kiremwa muntu, guta mu mvuto abatandukanye bidaciye mu mategeko, gufata ku nguvu abakenyezi, gusahura ubutunzi n’ibindi vyaha.

Mu bahoze muri Reta ya Prezida Condé bagirwa n’ivyo vyaha, harimwo uwahoze atwara sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro rya Gineya, uwahoze atwara inama nshingamateka y’ico gihugu, uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, abashikiranganji batari bake, abahoze batwara inzego z’umutekano na bamwe mu bahoze ari abashingamateka.

Abari ku rutonde bose basabirwa kutemererwa kuva mu gihugu, ubutunzi bwabo bwose bugafatwa, abari hanze y’igihugu nabo bagasohorerwa imitahe mpuzamakungu yo kubafata.

Urutonde rwashizweko umukono n’umushikirizamanza mukuru wa Gineya, Alphonse Charles Wright, kopi yarwo igahabwa abamenyshamakuru, rwerekana ko ivyaha vyegekwa kuri Prezida Condé n’abahoze muri Reta yiwe vyibanze ku myaka ibiri ya nyuma y’ubutegetsi bwabo.

Sentare nkuru ya Gineya yerekana ko amatohoza yakozwe inyuma y’ivyagiriji vyatanzwe n’urunani ruhurikiyemwo amashirahamwe yishinze guharanira iyubahirizwa ry’ibwirizwa nshingiro. Urunani FNDC rwasavye amatohoza ni narwo rwagiye imbere mu gutunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza manda ya gatatu ya Alpha Condé mu 2019.

Ubutegetsi bwa Alpha Condé w’imyaka 84 bwatembagajwe n’abasirikare mu kwezi kw’icenda ko mu 2021. Mu 2020, yitoreje manda ya gatatu inyuma yo guhindura ibwirizwa nshingiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG