Senegal Yatwaye Igikombe ca CAN 2021

Senegal Wins afcon 2021

Senegal yatahukanye igikombe ca CAN 2021, mu gutsinda Misiri ibitsindo 4-2 mu rukino rwa nyuma rwa Final rwabaye kuri uyu w'Imana muri Kameruni.

Iminota 90 yahariwe urukino yarangiye izi ekipe zibiri ata yitsinze iyindi. Eka n’iminota 30 y’inyongera yaheze ata wubonye igitsindo bica biba ngombwa ko binjira mu mwanya wa penaliti Senegal ica itsinda 4 kuri 2 vya Misiri.

Uru rukino rwakurikiye urwabaye ku musi wa gatandatu aho Kameruni yatahukanye umwanya wa gatatu mu gutsinda Burkina Faso.