Uko wahagera

CAN 2021: Misiri na Gineya Equatorial Vyinjiye muca Kane


Muri Kameruni, inkino za CAN zihuza ibihugu vya Afrika, zirabandanya aho ic’umunani gishira ica nyuma carangiye kuri uyu wa gatatu. Amakipe abiri yari asigaye akirindiriwe mu ca kane gishira ica nyuma yamenyekanye. Nayo ni Misiri na Gineya Equatorial. Nayo ayari asigaye akirindiriwe gusezererwa yabaye Cote d’Ivuware na Mali.

Mu rukino rwa mbere rwo kuru uyu wa gatatu rwahuje Misiri na Cote d’Ivuware, iminota 90 yahariwe urukino yarangiye banganije 0-0. Umuhagarikizi w’urukino yongeyeko iyindi minota 30 na 15 buri gice, nabwo biba ivy’ubusa, biba ngombwa ko batera penaliti, Misiri ibona gutsina 5 kuri 4.

No mu rukino rwa kabiri rwahuje Mali na Gineya Equatorial vyabaye uko nyene. Rwadadanuwe na Penaliti. Inyuma yo kunganya 0-0 mu mwanya wahariwe urukino, umuhagarikizi w’urukino yongeyeko iyindi minota 30 na 15 buri gice, nabwo biba ivy’ubusa. Gineya Equatorial yaruhiye gutahukana intsinzi ya 6-5 kuri penaliti.

Ibihugu umunani vyinjiye mu ca kane gishira ica nyuma ni Gambiya, Kameruni, Burkina Faso, Tuniziya, Misiri, Maroke, Senegal na Gineya Equatorial.

Ikiranganisi c’ica kane gishira ica nyuma ni iki gikurikira:

Kuwa gatandatu, urukino rwa mbere ruzohuza Gambiya na Kameruni, urwa kabiri ruhuze Burkina Faso na Tuniziya.

Kuw’Imana naho Maroke izotana mu mitwe na Misiri, nayo Senegal ihure na Gineya Equatorial.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG