Uko wahagera

CAN 2021: Senegal na Maroke Vyahambije Abandi mu ca Kane Gishira ica Nyuma


Abafana ba Senegal muri CAN 2021
Abafana ba Senegal muri CAN 2021

Muri Kameruni ahariko harabera za nkino za CAN zihuza ibihugu vya Afrika, inkino zirabandanya muri kimwe c’umunani c’iryo higanwa.

Kuri uyu wa kabiri Senegal na Maroke vyahambije abandi mu ca kane gishira ica nyuma, nayo Cape Vert na Malawi zirasezererwa. Ni mu nkino z’umusi ugira gatatu, z’ic’umunani gishira ica nyuma, zatanguye kuri uyu w’Imana.

Mu rukino rwa mbere rwo kuri uyu wa kabiri rwahuje Senegal na Cape Vert, Senegal yatsinze 2-0. Urukino rwa kabiri rwahuje Maroke na Malawi rurangira Maroke itahukanye intsinzi ya 2-1.

Senegal na Maroke bihambije Gambiya, Kameruni, Burkina Faso na Tuniziya vyaronse iyo tike mu nkino zabaye ku musi w’Imana no kuwa mbere.

Nayo kuwa gatatu, Cote d’Ivuware izohuza ubwayi na Misiri, Mali nayo ihure na Gineya Equatorial.

Iki gice c’umunani gishira ica nyuma kirangira kuri uyu wa gatatu, itariki 26 z’ukwa mbere hamenyekanye imirwi 8 izoja mu ca kane gishira ica nyuma.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG