Uko wahagera

CAN 2021: Burkina Faso na Tuniziya mu ca Kane Gishira Ica Nyuma


Ikipe ya Burkina Faso yifotoza imbere y'urukino na Etiyopiya. Isanamu yafashwe itariki 17/01/2022 muri Kameruni
Ikipe ya Burkina Faso yifotoza imbere y'urukino na Etiyopiya. Isanamu yafashwe itariki 17/01/2022 muri Kameruni

Burkina Faso na Tuniziya vyaronse itike ryo kwinjira mu kimwe ca kane gishira ica nyuma, mu gihe Gabon na Nijeriya vyasezerewe. Ni mu nkino za mbere z’ic’umunani gishira ica nyuma, zatanguye kuri uyu w’Imana, mw’ihiganwa ririko rihuza ibihugu vya Afrika mu mupira w’amaguru ribera muri Kameruni.

Mu rukino rwa mbere rwahuje Burkina Faso na Gabon, iminota 90 yahariwe urukino yarangiye iyi mirwi inganya 1-1. Vyabaye ngombwa ko binjira mu gutera za penaliti, aho Burkina Faso yatahukanye intsinzi ku bitsindo 7-6.

Urukino rwa kabiri rwahuje Tuniziya na Nijeriya, rwarangiye ku ntsinzi ya Tuniziya ku gitsindo 1-0 bwa Nijeriya.

Kuri uyu wa mbere, Gineya ihura na Gambiya, nayo Kameruni yakiriye izo nkino itane mu mitwe n’amazinga ya Comore.

Kwa kabiri Senegal izohura na Cape Vert, Maroke ikine na Malawi. Nayo kuwa gatatu, Cote d’Ivuware izohuza ubwayi na Misiri, Mali nayo ihure na Gineya Equatorial.

Iki gice c’umunani gishira ica nyuma kizorangira ku musi wa gatatu, itariki 26 z’ukwa mbere hamenyekanye imirwi 8 izoja mu ca kane gishira ica nyuma.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG