Uko wahagera

CAN 2021: Abakinyi 12 ba Tuniziya Banduye Covid-19 muri Kameruni


Abakinyi ba Tuniziya bariko bahimbarirwa Intsinzi mu rukino na Moritaniya, muri Kameruni, kw'itariki ya 16-01/2022
Abakinyi ba Tuniziya bariko bahimbarirwa Intsinzi mu rukino na Moritaniya, muri Kameruni, kw'itariki ya 16-01/2022

Abakinyi 12 kuri 28 b’ikipe ya Tuniziya mu nkino za CAN 2021 baranduye umugera wa Covid-19. Ibi vyatangajwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo muri Tuniziya ejo kuwa gatatu. Ni mu gihe iyi kipe iri myimenyerezo yo kwitegurira urukino rwa nyuma rwo kuri uyu wa kane, mu gice ca mbere c’iri higanwa na Gambiya.

Iryo shirahamwe ryavuze ko abo bakinyi bose banduye bakumiriwe aha bonyene bakurwa mu bandi.

Gushika ubu. Amakipe amaze kuronka itike yo mu gice c’umunani gishira ica nyuma ni 14. Ni Kameruni, Burkina Faso, Senegal, Cap Vert, Guneya, Maroke, Malawi, Cote d’Ivuware, Gabon, Nijeriya, Misiri, Tuniziya, Gambiya, na Mali.

Kuri uyu wa kane, Sierra Leone ihura na Gineya Equatorial, nayo Cote d’Ivuware ihure na Algeriya. Izindi nkino ni Gambiya na Tuniziya hamwe na Mali na Moritaniya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG