Uko wahagera

CAN 2021: Gambiya na Kameruni Vyinjiye mu ca Kane Gishira ica Nyuma


Abakinyi ba Gambiya Bigina Intsinzi

Gambiya na Kameruni vyaronse itike yo kwinjira mu ca kane gishira ica nyuma, nayo Gineya n’amazinga ya Comores vyasezerewe. Ni mu nkino z’umusi ugira kabiri, z’ic’umunani gishira ica nyuma, zatanguye kuri uyu w’Imana, mw’ihiganwa ririko rihuza ibihugu vya Afrika mu mupira w’amaguru ribera muri Kameruni.

Mu rukino rwa mbere rwo kuri uyu wa mbere rwahuje Gineya na Gambiya, aho Gambiya yatsinze 1 ku 0 bwa Gineya.

Urukino rwa kabiri rwahuje Kameruni n’amazinga ya Comores rwarangiye ku ntsinzi ya Kameruni ku bitsindo 2-0.

Gambiya na Kameruni bihambije Burkina Faso na Tuniziya vyaronse iyo tike mu nkino zabaye ku musi w’Imana.

Kuri uyu wa kabiri, Senegal izohura na Cape Vert nayo Maroke ihure na Malawi.

Nayo kuwa gatatu, Cote d’Ivuware izohuza ubwayi na Misiri, Mali nayo ihure na Gineya Equatorial.

Iki gice c’umunani gishira ica nyuma kizorangira ku musi wa gatatu, itariki 26 z’ukwa mbere hamenyekanye imirwi 8 izoja mu ca kane gishira ica nyuma.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG