Uko wahagera

CAN 2021: Misiri Izohura na Senegal mu Rukino rw'Igikombe


Ikipi ya Misiri
Ikipi ya Misiri

Muri Kameruni, inkino za CAN zihuza ibihugu vya Afrika, ziriko zishika ku musozo. Misiri yahambije Senegal mu rukino rw'igikombe inyuma yo gutsinda Kameruni 3-1 kuri uyu wa kane.

Ibi bitsindo vyose vyinjijwe mu mwanya w’ama penalty kuko iminota 90 yahariwe urukino yarangiye banganya 0-0, mu nyuma binjira mu mwanya w’inyongera, nawo urangira ata wutsinze uwundi.

Ku musi wa Gatandatu, hazoba urukino rwo guhatanira umwanya wa Gatatu. Kameruni izohura na Burukuna Faso. Naho mu rukino rwa nyuma rw’igikombe, Senegal izohura na Misiri ku musi w’Imana.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG