Uko wahagera

CAN 2021: Kameruni, Burkina Faso, Misiri na Senegal muca Kabiri


Abakinyi ba Kameruni bahimbaza intsinzi inyuma yo gutsinda Etiyopiya
Abakinyi ba Kameruni bahimbaza intsinzi inyuma yo gutsinda Etiyopiya

Muri Kameruni, inkino za CAN zihuza ibihugu vya Afrika, zirabandanya aho ikipe zine zinjiye mu ca kabiri gishira ica nyuma zose zamenyekanye kuri uyu w’Imana. Nazo ni Kameruni yakiriye izi nkino, Burkina Faso, Misiri na Senegal. Ni inyuma y’inkino zabaye ku musi wa gatandatu no kuri uyu w’Imana.

Mu nkino za mbere z’ica kane gishira ica nyuma, ku wa gatandatu, Kameruni yakuyemwo Gambiya ku bitsindo 2-0, nayo Burkina Faso isezerera Tuniziya ku gitsindo 1-0

Inkino za kabiri zabaye kuri uyu w’Imana, Misiri yatsinze Maroke 2-1 nayo Senegal yirahira Gineya Equatorial 3-1.

Inyuma y’akaruhuko k’imisi ibiri, ku musi wa gatatu iri higanwa rizokwinjira mu ca kabiri gishira ica nyuma. Ekipe zine zisigaye zizohura uku gukurikira:

Kuwa gatatu, Senegal izohura na Burkina Faso, nayo kuwa kane Kameruni ihure na Misiri.

Iri higanwa ryatanguye kw’itariki 9 z’uku kwa mbere zizorangira itariki 6 z’uku kwa kabiri kuza.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG