Afurika y'Epfo Yakoze Urucanco rwa Mbere rwa Covid

Abahinga b'ikigo gikora ubushakashatsi i Durban, muri Afurika y'epfo

Ihinguriro ry’imiti Biotech ryo muri Afurika y’epfo ryavuze kuri uyu wa kane ko ryahinguye urucanco rwa mbere rwa covid rwo mu bwoko bwa mRNA ku mugabane wa Afurika. Iri hinguriro ryavuze ko rizotangura kurugerageza ku bantu mu kwezi kwa cumi na kumwe.

Umuyobozi w’iryo hinguriro, Petro Terblanche yavuze ko kugerageza urwo rucanco ku bikoko bizotangura mu kwezi kuza, nayo ivyigwa ku bantu bizotangura mu kwezi kwa cumi na kumwe 2022.

Inyuma y’umwaka umwe hatanguye gutangwa urucanco rwa mbere rwa Covid hamwe n’inyuma y’imyaka ibiri iki kiza giteye, abanyafrika bangana ibice 11.3 kw’ijana ni bo gusa bamaze gucandagwa.

Ibi vyatumye Afrika izera amaso hanze izo ncanco cane cane ku mugabane wa Buraya, Ubushinwa no muri Reta zunze ubumwe za Amerika.