Uko wahagera

Covid-19: Afurika y'Epfo Yatanguye Gutanga Doze ya 3 y'Urucanco


Urucanco. rwa Corona
Urucanco. rwa Corona

Afrika y'epfo yatanguye gutanga uno musi ku wa gatanu urucanco rwa gatatu rwa Johnson & Johnson rw'ukwikingira ikiza ca Covid-15. Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwatangaje iyo nkuru uno musi ku wa gatanu. Ni inyuma yuko urwego rujejwe kwemeza ikoreshwa ry’imiti mu gihugu rurekuriye ikoreshwa rw’urucanco rwa gatatu rwa Johnson & Johnson umusi umwe imbere yaho.

Urwo rwego rwarekuriye ko ncanco za gatatu za J & J na Pfizer zikoreshwa mu gihugu.Yamara ni irya mbere abanyagihugu batangura gufata icese izo ncanco za gatatu. Gushika ubu incanco za J & J nizo zimaze kuboneka. Yamara kwiyadukiza kw’ubwoko bw’wumugera wa Covid-19 bwa Omicron vyatumye abantu bakerera kwikingira kurushiriza.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwatangaje ko kuva uno musi ku wa gatanu, italiki ya 24 y’ukwezi kw’icumi na kabiri, abanyagihugug bose baheruka kuronka urucanco rwa kabiri amezi abiri imbere yaho bazoronka urucanco rwa gatatu rwa J & J. Vyari vyiza kurushiriza bibaye mu kiringo c’amezi atandatu inyuma yuko baronse urunaco rwa mbere.

Vyari bitegekanijwe ko urucanco rwa gatatu rwa Pfizer ruboneka mu ntango z’ukwezi kwa mbere. Yamara ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwatangaje ko urwo rucanco ruzotangwa kuva kw’italiki 28 y’ukwezi kw’icumi na kabiri ku bantu baronse urucanco rwa kabiri haraheze n’imiburiburi amezi atandatu. ( Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG