CAN 2021: Senegal Yaronse Itike yo Gukina Urukino rw'Igikombe

Abakinyi ba Senegal bigina intsinzi

Muri Kameruni, inkino za CAN zihuza ibihugu vya Afrika, zinjiye mu ca kabiri gishira ica nyuma. Senegal yatahukanye itike yo gukina urukino rwa nyuma imaze gutsinda Burkina Faso 3-1.

Ibitsindo bitatu vya Senegal vyinjiye ku minota ya 70, 76 na 87. Nayo Burkina Faso ironka igitsindo cayo kimwe gusa ku munota wa 82.

Urundi rukino rurindiriwe cane ni kuri uyu kane, Kameruni ihura na Misiri. Ikipe itsinda urukino rwo kuri uyu wa kane izoca ihura na Senegal mu mukino wa nyuma ku musi w’Imana uza kw’itariki ya 6 y’ukwa kabiri.