Perezida Trump Aramirira Kure Utwigoro Two Kumukura ku Butegetsi

Perezida Donald Trump yishura abanyamakuru imbere yuko afata indege aja i Texas, kw'italiki ya 12-01/2021

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yavuze kuri uyu wa kabiri ko utwigoro abashingamateka b’abademokrate barimwo two kumukura ku butegetsi ari “Ibiterasoni.”

Yabishikirije abamenyeshamakuru ku ncuro ya mbere, inyuma y’aho ibihumbi vy’abanywanyi biwe bashwabadukiye ku nyubakwa y’inama nshingamateka ku musi wa gatatu kugerageza guhagarika iyemezwa rya Joe Biden. Trump yarahakanye ico cose coza kimwemeza ko yagize uruhara muri iyo migumuko yatumye abantu batanu bahasiga ubuzima.

Yavuze ko amajambo yiwe yasuzumwe, kandi ko abantu bibajije ko yari abereye kandi ko utwigoro two kumukura ku butegetsi ari urukurikirane rwo kumuhiga nk’umurozi vyabaye muri iki gihe ca manda yiwe. Yashikirije ko yipfuza ko ata yindi migumuko n’ubwicanyi vyoba igihe Biden azoba ashikiriye ubutegetsi ariko ko utu twigoro tw’abademokrate two kugerageza kumukura ku butegetsi biriko vyongereza ishavu mu bantu.

Inama nshingamateka yategekanya gutora kuri uyu wa kabiri integuro y’itegeko risaba icegera ca perezida Mike Pence hamwe n’abagize reta kwisunga ububasha bahabwa n’ibwirizwa shingiro bakamukura kuko atabikwiye.