Uko wahagera

USA: Inama Nshingamateka Yashizeho Ikirego co Gukura Perezida Trump


Inyubako y'inama nshingamateka y'Amerika
Inyubako y'inama nshingamateka y'Amerika

Inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yateye intambuko kuri uyu wa mbere yo gushiraho ikirego kigamije gukura Perezida Donald Trump ku butegetsi. Bamwagiriza guhamagarira abanywanyi biwe mu migumuko yabaye mu ndwi iheze ku nyubakwa y’inama nshingamateka kugira baburizemwo ibikorwa vyo kwemeza intsinzi ya Joe Biden.

Naho ikiringo c’imyaka ine ciwe kizorangira kw’italiki ya 20 y’ukwezi kwa mbere, iki kirego kivuga ko Trump azoguma ari intambamyi y’umutekano w’igihugu, demokarasi hamwe n’ibwirizwa shingiro mu gihe yokwemererwa kuguma ku butegetsi.

Inama nshingamateka igwiriyemwo abademokrate ishobora gutora mu musi umwe canke ibiri iri imbere kuri iryo tegeko ryo gukura Trump ku butegetsi. Abashingamateka b’abademokrate 218 barasinye kuri iryo bwirizwa ry’ikirego ariko ntamurepublikani arasinya ko agomba gukura uwo muperezida w’umurepublikani.

Ariko ntibiragaragara nimba abategetsi mu nama nshingamateka bashobora kuzoca barungikira ico kirego Sena kugira ice urubanza nimba yokwegekako icaha Perezida Trump no kumukuza ku butegetsi, mu gihe hasigaye iminsi idashika cumi ngo manda yiwe irangire.

Perezida yatowe Joe Biden we avuga ko yipfuza ko icihutirwa ubwa mbere kwoba ukwemeza abashikiranganji yahisemwo ko bazomufasha igihe azoshikira ubutegetsi. Yipfuza kandi ko abandi bafasha biwe yagenye bokwemezwa kugira yihutire kuzamura ubutunzi bw’Amerika bwasubijwe inyuma n’ikiza ca Covid-19.

Bubaye ubwa kabiri Inama nshingamateka ishiraho ikirego kuri Perezida Trump. Ubwa mbere hari mu 2019, aho iyo nama yamwagirije kugerageza gusaba Ukraine gucapfuza Biden imbere y’amatora yo mu kwezi kwa cumi na kumwe, ariko Sena yaramwejeje mu ntango z’ukwezi kwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG