Uko wahagera

Umutekano wa Washington Urakazwa Gushika ku Musi wo Kurahira


Ikigo c’amatariro muri Reta zunze ubumwe z’Amerika catangaje kuri uyu wa mbere ko kizugara ikibanza c’iratiro citwa Washington Monument kuva kw’italiki ya 11 z’uku kwezi kwa mbere gushika ku gihe c’irahira rya perezida wa 59.

Bavuga ko hari ibimenyetso ko hashobora kuzoba imigumuko n’ubugizi bwa nabi nk’ivyabaye kw’italiki ya 6 y’uku kwezi kwa mbere aho abayoboke ba Perezida Donald Trump bavogera inama nshingamateka ku musi wa gatatu.

Ico kigo canditse kivuga ko n’ibindi bibanza vy’amaratiro n’amabarabara muri Washington DC bishobora kuzokugarwa mu ndwi ziri imbere. Iri tangazo rije haheze iminsi hagaragaye amakenga n’ibibazo ku mutekano mu micungararo ya Washington, D.C.

Umukuru w’igiporisi c’inama nshingamateka, Steven Sund, yavuze ko abategetsi mu vy’umutekano w’abashingamateka n’abasenateri banse ivyo yabasavye ko abasirikare bomera magabo mu kwitegura gufasha imbere y’igitero cabaye ku musi wa gatatu.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi yavuze mu ndwi iheze ko igiporisi co ku nama nshingamateka kitasavye abasirikare gufasha imbere yuko iyo migumuko yahitanye abantu 5 yaduka.

Abashigikiye Trump barateye abaporisi b’inama nshingamateka kandi bamara amasaha atari make muri iyo nyubakwa mu gihe abashingamateka baciye bahungishwa kugira bakingirwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG