Venezuela: Ibiganiro Vyimuriwe i Barbados

Juan Guaido

Juan Guaido yitangaje ko ari perezida w’imfatakibanza wa Venezuela yashikirije ejo kuw’Imana ko ikindi gice c’ibindi biganiro bishasha hagati y’abatavugarumwe n’ubutegetsi na reta ya perezida Nicolas Maduro bishobora kuzobera Barbados.

Ariko ntiyatangaje itariki bizoberako mur’ico kibanza gishasha, co mu mazinga ya Caraibe, inyuma y’ibiganiro bihitiye vyabereye muri Norvege.

Ivyo biganiro vy’i Barbados bizoba bigize ivya gatatu kuva mu kwezi kwa gatanu.

Guaido akeneye ko bishika kw’isezera rya Maduro ku butegetsi arimwo kuva mu mwaka wa 2013, hagashingwa reta mfatakibanza, mu nyuma hagatunganwa amatora arimwo indorerezi mpuzamakungu.