Uko wahagera

Hoba Hari Intambwe Zigana ku Mwumvikano muri Venezuela?


Ifoto w'uwutavugarumwe na reta Juan Guaido (Ibubamfu) hamwe na perezida Nicolas Maduro (Iburyo).

Reta ya Norvege yashikirije ejo kuwa gatatu ko hari intambwe zatewe mu biganiro bihuza intumwa za perezida wa Venezuela Nicolas Maduro n’izo uwo batavuga rumwe Juan Guaido.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu wa Norvege yavuze ko impande zose zibiri zerekanye ubushake bwo gutera zija imbere mu biganiro vyo gutorera inyishu uruhagarara rwa politike muri Venezuela.

Ibi biganiro biba mu gihe habandanya icuka kibi hagati ya perezida Maduro na Guaido, umukuru w’inama nshingamateka yitangaje ko ari we perezida mu kwezi kwa mbere ashigikiwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’ibindi bihugu bishika 50.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG