Uko wahagera

Abanyavenezuela Basubiye Kuganira i Oslo muri Norvege


Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro
Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro

Intumwa za reta ya Venezuela n’abatavuga rumwe nayo barasubiye muri Norvege mu biganiro bigamije gutorera umuti uruhagarara rwa politike mur’ico gihugu co mu bumanuko bw’umugabane w’Amerika.

Reta ya Norvege ivuga ko izofasha mur’ivyo biganiro bitegekanijwe mur’iyi ndwi.

Intumwa z’izo mpande zibiri zitumvikana muvya poritike zari zaragiye muri Norvege mu ntango z’uku kwezi, ariko ibiganiro bivugwa ko vyagoranye kuko abasirikare banse kwitaba akamo kari katewe na Juan Guaido kabasaba kugarariza perezida Nicolas Maduro.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG