SAF: Imisi ya Perezida Jacob Zuma Yoba Ibaze

Perezida wa Afrika y'Epfo Jacob Zuma (ibubamfu) aramutsa abanywanyi biwe ari kumwe na Perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta igihe ANC wibuka imyaka 106 ushinzwe, East London, Afrika y'Epfo, Ukwezi kwa mbere, itariki 13, 2018

Umugambwe uri ku butegetsi muri Afurika y’Epfo (ANC), wakoze inama yihuta uno musi igamije kwiga nimba Perezida Zuma yotanga imihoho nkuko amaze imisi abisabwa n’abatari bake.

Iyo nama ibaye mu gihe ku musi wa kane, bitegekanijwe ko ashikiriza imbere y’inama nshingamateka ijambo yama avuga uko umwaka utashe yerekana ingene igihugu cifashe.

Ejo ku wa Mungu, abategetsi bakuru ba ANC bari bahuriye ku kirimba kwa Zuma giherereye mu gisagara ca Pretoria mu nama basigura ko yari igamije “gukingira ineza y’igihugu na ANC ”.

Nta tangazo y’ivyavugiwe vyose muri iyo nama rirashirwa ahabona. Yamara, Julius Malema, ari mu batavuga rumwe na Leta muri Afurika y’Epfo, abicishije ku rubuga rwiwe rwa twitter, yemeje ko abategetsi ba ANC bariko bagondoza Zuma ngo atange imihoho, ariko yarahiye ararengwa ko atarota yegura.

Perezida Zuma yoba yasiguye ko “ Ata kibi na kimwe yakoze” cotuma atanga imihoho.

Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Afurika y’Epfo yasavye ko ijambo rya Zuma ryo kuri uno wa Kane imbere y'inama nshingamateka ryokwegezwa inyuma. Ku bw’iyo migambwe, abanyagihugu nta cizere bagifitiye Perezida wabo.