Uko wahagera

USA: Trump Aragendera Reta ya Carolina Yatewe n'Imyuzure


Amazu yo mu micungararo y'igisagara Lumberton, muri Carolina ya Ruguru yatewe n'imyuzure. Itariki 17/09/2018.
Amazu yo mu micungararo y'igisagara Lumberton, muri Carolina ya Ruguru yatewe n'imyuzure. Itariki 17/09/2018.

Perezida Donald Trump ategekanya kugendera Reta ya Carolina ya ruguru kuri uyu wa gatatu kwirabira ivyononywe n’igihuhusi kivanze n’imvura cataziriwe Florence hamwe n’aho ibikorwa vyo gutabara bigeze.

Perezida Trump avuga ko ashima ukwitanga kw’abategetsi, abasirikare hamwe n’abandi bariko barafasha.

Igihuhusi Florence gushika ubu kimaze guhitana ubuzima bw'abantu bashika kuri 32, gisiga ibisagara nka vyose vyo muri Carolina ya ruguru mu bishanga vy’amazi n'imyuzure.

Abategetsi bo muri reta bose basaba abanyagihugu kutishimira akazuba kabonetse kuri uyu wa kabiri, kuko ngo hari iyindi myuzure yitezwe mur’iyi ndwi.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG