Uko wahagera

USA: Batanguye Guhunga Igihuhusi Florence


Berekana urugendo rw'igihuhusi Florence, Sept. 11, 2018.
Berekana urugendo rw'igihuhusi Florence, Sept. 11, 2018.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yashikirije ko reta yiwe yiteguye kuba hafi no gufasha ababangamirwa n’igihuhusu gikomeye kivanze n’imvura citezwe mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Amerika ku nkengera z’ibahari Atlantike.

Ico gihuhusi cataziriwe Florence kivugwa ko kizoba gifise umurindi w’ibirometero 220 kw’isaha.

Abagendereza ibihe bavuga ko amareta ya Carolina ariyo azotangura guterwa kuva mw’ijoro ryo kuwa kane canke kuwa gatanu mu gitondo. Bishoboka kandi ko amareta ya Virginia, Maryland, Delaware na Washington, D.C., afise amahirwe yo gushikirwa.

Abanyagihugu barenga umuriyoni nibo bamaze guhunga amareta ya Carolina ya ruguru n’iy’ubumanuko hamwe n’ubumanuko bwa Virginia.

Abahinga bavuga ko iki gihuhusi Florence gishobora kuba igikomeye cane kizoba giteye amareta ya Carolina mu kiringo kirenga imyaka 60.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG