Buramatari wa reta ya Carolina ya ruguru muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Roy Cooper, atangaza ko abapfa bashobora kwiyongera mu gihe amazi y’imvura y’urutavanako abandanya aba menshi muri iyo reta.
Aburira abanyagihugu arongoye kuba maso kandi bihutire kuja mu bibanza bitabangamiwe mugihe bosabwa guhunga, ivyo yabitangaje ejo ku musi w’Imana.
Ico gihuhusi kivanze n’imvura nyinshi cataziriwe Florence kimaze guhitana ubuzima bw’abantu 16 kandi ibisagara nka vyose muri iyi reta vyaratewe n’imyuzure y’amazi. Amabarabara makuru makuru aca muri iyo reta yose yuzuye ibidengeri vy’amazi, nayo amazu arenga ibihumbi 700 nta muyagankuba agira.
Ibiro vya perezida, White House vyashikirije ko Donald Trump ashobora kugendera ivyo bice vy’igihugu vyasinzikaye mu musi iri imbere, ariko mu gihe umuzo wiwe ataco wo hungabanya mu bikorwa vyo gutabara biriko birakorwa.
Ivyo bihuhusi, hamwe n’imyuzure y’imvura vyarasambuye ico vyasanze mu nzira, ibihumbi vy’abantu ntibashobora gusubira mu ngo zabo gushika amazi akamye. Ivyo kandi bbishobora gufata imisi itari mike.
Facebook Forum