Uko wahagera

USA: Abahitanywe n'Igihuhusi co ku wa Gatanu Barenga 100


Bimwe mu vyo igihuhusi co ku wa gatanu cononye
Bimwe mu vyo igihuhusi co ku wa gatanu cononye

Abatari bake barahitanywe n’igihuhusi caciye mu ma Reta atandukanye yo mu bumanuko no mu burengero bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika. Ico gihuhusi casenyuye inyubakwa zitari nke.

Buramatari wa Reta ya Kentucky imwe mu ma Reta yasinzikaye cane, yavuze ko muri iyo Reta abapfuye ari n’imiburiburi 100. Buramatari Andy Beshear yabwiye abamenyeshamakuru ko ico gihuguhusi co ku wa gatanu ari co ca mbere cononye vyinshi mu mateka ya Kentucky.

Igihuhusi co ku wa gatanu caciye mu ma Reta atanu: Arkansas, Illinois, Kentucky, Missouri, na Tennessee. Abategetsi b’ayo ma Reta bavuze ko abo cahitanye bashobora kuba barenga na kure abamaze gutangazwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG