Uko wahagera

Intumwa ya ONU muri Libiya Yatanze Imihoho Imbere y'Amatora


Jan Kubis, intumwa ya ONU muri Libiya.
Jan Kubis, intumwa ya ONU muri Libiya.

Intumwa idasanzwe ya ONU muri Libiya, Jan Kubis yamuka muri Slovakiya, yatanze imihoho kuri uyu wa kabiri, imbere y’ukwezi kugira habe amatora y’umukuru w’igihugu muri ico gihugu catabaguwe n’intambara. Ariko ntiyabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano imvo imutumye ava muri ayo mabanga.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric, yavuze ko Kubis yahaye umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, urwete rwiwe rwo gutanga imihoho, kandi ko Guterres ariko arakora arondera uwuzomusubirira.

Amatora ya mbere y’umukuru w’igihugu muri Libiya ategekanijwe kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa cumi na kabiri, aho ONU iriko irondera kurangiza intambara yavutse kuva Moamar Kadhafi yishwe mu 2011.

Kubis w’imyaka 69 yahoze ari intumwa ya ONU muri Libani, yagenwe kuba intumwa ya ONU muri Libiya mu kwezi kwa mbere uyu mwaka wa 2021. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG