Uko wahagera

USA: Abantu 12 Barishwe n'Igihuhusi Claudette, muri Alabama


Alabama Claudette
Alabama Claudette

Igihuhusu kivanze n’imvura cataziriwe Claudette catumye abantu 12 bapfa muri reta ya Alabama, igihe cariko kiratongora kibomora n’amazu mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika.

Umukuru wa Komine ya Butler, mur’ico gisagara, Wayne Garlock, yavuze ko abantu 10 barimwo abana icenda bapfiriye muri iryo sanganya ryabaye ku musi wa gatandatu, mu gisagara ca Greenville kandi ryahuje imidokari 15 kandi ryatewe n’ico gihuhusi c’imvura.

Muri iryo sanganya, umwana w’umukobwa w’imyaka icenda yapfanye na se mu modokari barimwo, mu gihe abandi basigaye bapfiriye mu modokari imwe bose. Abategetsi bavuga ko abandi bantu batari bake bakomeretse.

Igihuhusi Claudette citezwe kuri uyu wa mbere mu buseruko bwa reta ya Carolina y’uburaruko, nkuko ikigo c’igihugu kijejwe kugenzura ibihe cagabishije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG