Uko wahagera

Inguvu z'Igihuhusi Ida Zagabanutse


Ivyasenyuwe n'igihuhusi Ida
Ivyasenyuwe n'igihuhusi Ida

Inguvu z'igihuhusi, Ida zagabanutse, yamara kiracabandanya kwonona ibitari bike mu gisagara ca New Orleans no mu bice biri hafi yaho. Ikigo c’igihugu gikwirikirana ibihuhusi, kimenyesha ko Ida cateye imyuzure ikomeye mu bice vyo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Reta ya Louisiana no mu bumanuko bwa Reta ya Mississippi.

Sosiyete Entergy, itanga umuyagankuba mu gisagara ca New Orleans, yatangaje ku musi w’Imana ko bivuye ku nguvu zikomeye cane c’ico gihuhusi, umuyagankuba wacitse muri ico gisagara cose. Yamara yamenyesheje ko izobandanya gukora kugira itorere inyishu ico kibazo.

Abantu barenga umuliyoni mu mareta ya Louisiana na Mississippi bari mu mwiza. Bishobora kuzofata imisi kugira umuyagankuba uzogaruke, kubera umwe mu minara iwutanga mur’ico gisagara wasenyukiye mu ruzi Mississippi.

Igihuhusi Ida kiriko kigenda n’imiyaga y’umuvuduko w’ibilometero 95 kw’isaha nkuko vyatangajwe uno musi ku wa mbere n’ikigo c’igihugu gikwirikirana ibihuhusi. Haheze imyaka 16 igihuhusi Katrina kibiciye biracika muri Reta ya Louisiana. Ico gihuhusi cahitanye abantu 1800.

Prezida wa Amerika, Joe Biden, yatangaje ko reta yiwe izofasha yivuye inyuma mu bikorwa vy’ugutabara hamwe n’ugufasha ibice vyasinzikaye kwogorora. Amenyesha ko yavuganye na ba bulamatari b’amareta ya Louisiana, Mississippi na Alabama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG