Uko wahagera

Uruja n’Uruza Rubayabaye Rwasubiye Kubandanya muri Gineya


Coloneli Doumbouya atwara abatembagaje ubutegetsi bwa Gineya
Coloneli Doumbouya atwara abatembagaje ubutegetsi bwa Gineya

Abayoboye abagize kudeta muri Gineya batumyeko abashikiranganji n'abandi bategetsi bakomeye ba reta mu nama uyu musi ku wa mbere. Ubwo butumire bubaye umusi umwe inyuma y’uko iyo kudeta yiyamirijwe n’amakungu.

Uruja n’uruza rubayabaye rwasubiye kubandanya ku murwa mukuru, Conakry. Amwe mu mamangazini yasubiye kwugurura. Umuvuguzi w’igisirikare yatangaje kuri televiziyo ko imbibe zo ku butaka no mu kirere nazo nyene zasubiye kwugururwa.

Abasirikare bo mu rwego rudasanzwe ruyobowe na Colonel Mamady Doumbouya baratangaje kuri televiziyo ku musi w’Imana ko ubukene na ruswa ari vyo vyatumye bakura Prezida Alpha Conde ku butegetsi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaciye ryiyamiriza buno nyene kudeta yo ku musi w’Imana, mu gihe umuryango w’ubumwe bw’Afrika n’ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO vyagabishije gufatira ibihano abakoze iyo kudeta.

Mu itangazo, ubushikiranganaji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bwamenyesheje ko ingingo zitubahirije demokrasi zishobora kugeramira umutekano n’iterambere vy’igihugu.

Naho amatungo ari mu butaka bw’igihugu yatumye ubutunzi bwiyongera ku ntwaro ya Conde, abanyagihugu bari ku rushi ni bo bonyene bahakuye akarusho. Ivyo vyatumye haba ishavu mu banyagihugu, cane cane imiliyoni n’imiliyoni y’abakiri bato batagira akazi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG