Uko wahagera

Umuganwa wa Arabiya Sawuditi Asabirwa Ibihano Kubera Iyicwa rya Khashoggi


Hatice Cengiz, Umukunzi wa Khashoggi
Hatice Cengiz, Umukunzi wa Khashoggi

Umukunzi w'Umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi yishwe urw'agashinyaguro asaba ko umuganwa wa Arabiya Sawudite ahanwa bidatevye kubera ubwo bwicanyi.

Mw’itangazo yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Hatice Cengiz yasiguye ko Umuganwa Mohammed bin Salman adahanywe vyoba vyerekanye ko umwicanyi ashobora kwidegemvya inyuma yo gukora ububisha, kandi ibi ku bwiwe bigashobora kubangamira isi.

Ubutumwa bw’umukunzi wa Khashoggi buje bukurikira raporo y’urwego rw’iperereza ry’Amerika ryemeje ku wa gatanu ko Umuganwa Bin Salman ari we yatanze itegeko ryo kwica Umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi.

Mu gihe Amerika yafatiye ibihano abantu 76 bakekwako ivyaha bitandukanye birimwo iyicwa rya Khashoggi, umukunzi wiwe avuga ko ivyo bihano ataco bivuze kuko bidakora ku Muganwa Mohammed Bin Salma. Kuri twitter yiwe, Hatice Cengiz yanditse ati: “ Ni ngombwa ko guhera kuri Perezida w'Amerika Joe Biden, abategetsi bose b’isi bibaza niba biteguriye kuzohora bahana iminwe n’umuntu hari ivyemezo ko yakoze amaraso ariko akabandanya yidegemvya. Kuvyirengagiza, bizotuma dutakakaza ubuntu.”

Arabiya Sawudite yaremeye ko Khashoggi yishwe "bitagambirijwe" ariko ihakana yivuye inyuma uruhara rw’Umuganwa Mohammed Bin Salma muri iryo yicwa. Ico gihugu cateye kandi ivyatsi ibiri muri raporo ya Reta Zunze Ubumwe z’Amerika kivuga ko yuzuye ububeshi. Amerika yo yemeza ko iyo Umuganwa Mohammed Bin Salma adatanga itegeko, Khashoggi atari kwicwa.

Umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi yiciwe mu buserukizi bwa Arabiya Sawudite muri Turukiya mu kwezi kwa cumi mu 2018, akataguwe ibihimba vy’umubiri wiwe. Ibisigarira vyiwe kugeza n’ino saha ntawuzi iyo biri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG