Uko wahagera

Abana b'Umumenyeshamakuru Khashoggi Bababariye Abishe Se


Ibubamfu, umuganwa wa Arabiya Sawudite Salman n'umuhungu wiwe baramutsa abahungu ba Khashoggi.Ni ifoto yafashwe mu 2018
Ibubamfu, umuganwa wa Arabiya Sawudite Salman n'umuhungu wiwe baramutsa abahungu ba Khashoggi.Ni ifoto yafashwe mu 2018

Abahungu ba Jamal Khashoggi, umumenyeshamakuru aturuka muri Arabiya Sawudite, batangaje ko bahaye imbabazi ababiciye umuvyeyi wabo.

Abitegereza ibintu ibintu bakaba bavuga ko ivyo bizotuma abantu 5 begetsweko icaha c’uko ari bo bamwishe bagirirwa imbabazi. Sentare yari yabaciriye urubanza rw’ugupfa mu mpera z'umwaka wa 2019.

Jamal Khashoggi yiciwe mu nyubakwa y’uwuserukira igihugu ca Arabiya Sawudite mu gisagara ca Istambul muri Turukiya mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2018.

Ntaco abategetsi ba Arabiya Sawudite batangaje buno nyene ku nkurikizi mu bijanye n’amategeko y’ivyatangajwe n’abahungu ba Khashoggi. Abo bahungu biwe barahakana ko hari amasezerano yerekeye amafaranga boba bagiranye na Reta.

Umukobwa yariko yitegurira gukora ubukwe na Khashoggi imbere y'uko agandagurwa yanebaguye amajambo y'abana b'umukunzi wiwe, avuga ko abamwishe babwirizwa kubihanirwa, ata mbabazi na nke bohabwa.

Jamal Khashoggi yagandaguwe afise imyaka 59 akataguwe ibihimba vy'umubiri. Ibisigarira vyiwe ntivyigeze bitorwa. Yakunze kwumvikana kenshi anebagura umuganwa wa Arabiya Sawudite, Mohammed Bin Salman.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG