Uko wahagera

Umucanwa mu Nama Nshingamateka y'Afurika y'Epfo Wazimye Wose


Imyotsi yari yatewe n'umucanwa wadutse ahakorera inama nshingamateka y'Afurika y'Epfo
Imyotsi yari yatewe n'umucanwa wadutse ahakorera inama nshingamateka y'Afurika y'Epfo

Abajejwe kurwanya imiriro bahavuye barava mu nyubakwa z'inama nshingamateka muri Afrika y'epfo. Bashikirije amabanga y'ugukingira iyo nyubakwa igipolisi.

Ni imisi ine inyuma yuko umuriro usambuye inyubakwa nkuru y’inama nshingamateka y’igihugu. Bahavuye inyuma yuko bawuzimije burundu. Barahagumye gushika ku musi wa gatatu ku muhingamo kugira babone ko ata mbeya zisubiye kwaduka.

Abarwanya imiriro 700 bakoze amasaha arenga 71 kugira bazimye uwo muriro burundu. Umuntu yikekwa ko yadometse uwo muriro ku musi w’Imana yarahagaritswe, akaba yaritavye sentare ku vyaha vy’ukwinjira mu nyubakwa za reta mu buryo butarekuriwe n’amategeko. yagirizwa kandi ivyaha vy’ubusuma, guturira inyubakwa n’ukurenga ku mategeko ajejwe umutekano mu gihugu aziririza abantu kwinjira mu nyubakwa za reta ku batabirekuriwe.

Abashikirizamanza batangaza ko uwo muntu yafatanywe kandi bombe. Ntaco abategetsi baravuga ku mpamvu zatumye uwo muntu akora ayo marorerwa. Batangaje ko hakiri kare kugira umuntu avuge niba uwo muriro watangujwe n’impaka mu kibanza kiranga demokrasi mu gihugu.

Yagumijwe mu munyororo imbere yuko urubanza rwerekeye kurekurwa kwiwe atanze ingwati ruba. Igipolisi kimenyesha ko gishobora guhagarika abandi boba bikekwa mu gitero cakozwe ku nyubakwa z’inama nshingamateka y’igihugu. Uwo muriro wadutse muri izo nyubakwa mu gisagara ca Cape Town mu masaha ya kare yo ku musi w’Imana urangiye. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG