Uko wahagera

Uwikekwa Guturira Inyubakwa y'Inama Nshingamateka y'Afrika y'Epfo Yarengutse muri Sentare


Zandile Christmas Mafe yagirizwa ivyaha bitari bike birimwo guturira inyubakwa za reta, ubusuma, no kwinjira mu nyubakwa mu buryo butarekuriwe n’amategeko. Azoguma apfunzwe mu gihe arindiye urubanza rwerekeye gupfungurwa atanze ingwati.

Uwumwunganira amenyesha ko ahakana ivyaha yagirizwa. Mafe yahagaritswe n’igipolisi mu kibanza kirimwo inyubakwa z’inama nshingamateka inyuma yuko umuriro wadutse muri izo nyubakwa mu gitondo co ku musi w’Imana urangiye. Izo nyubakwa ziri mu gisagara ca Cape Town zirimwo izimaze imyaka 130.

Umuvugizi w’ibiro vy’umushikirizamanza mukuru w’igihugu, Eric Ntabazalila yabwiye abamenyeshamakuru ko Mafe yasanganywe kandi bombe. Yamara nta birenga ngaho yatangaje.

Nomthandazo Mbambo, umuvugizi w’igipolisi kidasanzwe kijejwe amatohoza amenyesha ko abandi bantu bashobora guhagarikwa ku bijanye n’umuriro waturiye inyubakwa z’inama nshingamateka ku musi w’Imana urangiye.

Inama nshingamateka yari yugaye kubera imisi y’uburuhuko yo mu mpera z’umwaka. Nta boba bakomeretse batangajwe. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG