Umucanwa wadutse mu nyubakwa zikoreramwo inama nshingamateka y’Afurika y’Epfo uno munsi ku wa Mungu wononye vyinshi birimwo urusenge rw’iyo nzu, n’igihande kinini c’inzu casenyutse cose.
Umushikiranganji ajejwe akazi n’inyubako yabwiye abamenyeshamakuru ko ata muntu uwo muriro wahitanye canke ngo ukomeretse. Icateye uwo mucanwa gushika ino saha ntikiramenyekana.
Prezida Cyril Ramaphosa nawe yavuze ko hari abamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza kandi yizera ko baza batanguye guhatwa ibibazo. Yagize ati:” Bisa nkaho ivyuma bijejwe kuzimya umuriro mu mazu bitakoze nkuko vyabwirizwa, abazimya muriro baje kuzimya bakijije ibitari bike”. Utwuma tujejwe kuvuza induru iyo umucanwa wadutse mu mazu twayivugije abazimyamuriro baja bamaze kuhashika.
Inyubakwa ikoreramwo inama nshingamateka ya Afurika y’Epfo yubatswe mu 1884. Iri mu gisagara ca Cape Town, ikaba igizwe n’ibice bitatu birimwo ivyubatswe mu 1920 no mu 1980. Mu kiringo kiri munsi y’umwaka, ingoro y' inama nshingamteka y’Afurika y’Efo yadutsemwo imicanwa incuro zibiri: Mu kwezi kwa gatatu umwaka uheze, intsinga zakoranyeko zateye umuriro muri iyo nyubakwa.
Vyari bitegekanijwe ko igenekerezo rya 10 ukwezi kwa kabiri Prezida wa Afurika y’Epfo ashikiriza ijambo ku makungu n’abanyagihugu ari muri iyo nyubakwa. Umuvugizi w’inama nshingamateka yavuze ko ijambo ata kirahinduka azorivuga naho ashobora kurivugira ahandi atari muri iyo nyubakwa.
Facebook Forum