Uko wahagera

Ukutumvikana ku mu Kandida w'Abatavuga Rumwe na Reta muri Kongo


Martin Fayulu yemejwe nk'umu kandida yoserukira abatavuga rumwe na Reta muri Kongo mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kabiri

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta ya Republika iharanira demokarasi ya Kongo, Union pour la Democratie et le Progres Social, UDPS, mu mpfunyapfunyo, wiyamirije uno musi ku wa mbere ingingo yafashwe n’umukuru wawo, Felix Tshisekedi.

Iyo ngingo yafashwe ku musi w’Imana yari iy’uguhitamwo, Martin Fayulu, nk’umukandida umwe rudende azoserukira abatavuga rumwe na Reta mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kw’icumi na kabiri.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe, UDPS, Jean-Marc Kabund yatangaje ko abanywanyi bawo bashaka ko Tshisekedi ava mu masezerano yerekeye igenwa rya Martin Fayulu.

Umugambwe uri ku butegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, PPRD mu mpfunyapfunyo, wemeye ko wamenyeshejwe ku vyerekeye Martin Fayulu, yatowe kuzoserukira abatavuga rumwe na Reta mu matora akomeye y’umukuru w’igihugu azoba kw’itariki 23 z’ukwezi kuza.

Inyuma y’ibiganiro vyamaze imisi 3 i Gevene mu gihugu c’Ubuswise, abayoboye imigambwe 7 itavuga rumwe na Reta batoye Martin Fayulu kubaserukira muri ayo matora. Martin Fayulu azohiganwa na Emmanuel Ramazani Shadary aserukira umugambwe uri ku butegetsi, PPRD. Uyu uvuga ko udatewe amakenga n’igenwa rya Martin Fayulu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG